MumahangaPolitike

Emmanuel Macron yakiriye umumenyeshamakuru Olivier Dubois yanyurujwe haraciye hafi imyaka 2.

Olivier Dubois umumenyeshamnakuru yakiriwe Emmanuel Macron n’ Umukuru w’ Igihugu c’ Ubufaransa inyuma yo kurekurwa arize kunyuruzwa hafi imyaka 2 afashwe n’umurwi wa bagizi ba nabi ’’Jnim’’ wo mu gihugu ca Mali mugihe yariko aritegura kuja kugirana ikiganiro n’ umukuru wabo ’’Jnim’’ mu gisagara Gao. Olivier Dubois yakiriwe  ku kibuga c’ indege ci Villacoublay harimwo umuvyeyi n’incuti ziwe. 

Emmanuel Macron yakira Olivier Dubois ku kibuga c’ indege.

Uyu musi igenekerezo rya 21 Ntwarante mu gatondo , avuye mu gihugu Niger, Olivier Dubois yahonyoza ikirenge ciwe k’Ubutaka bw’Ubufaransa mu gisagara kiri hafi y’umurwa mukuru wa Paris yakiriwe na se wiwe André-Georges Dubois arikumwe Canèle Bernard  mushikiwiwe. Olivier Dubois yari yafashwe igenekerezo rya 08 Ndamukiza umwaka wi 2021 i Gao.

Olivier Dubois ahejeje gushika mu Bufaransa.

Olivier Dubois yafashwe mu gihe yariko arategura urugendo rwo kuja kubonana n’uwutwara ’’Jnim’’, Abdallah Ag Albakaye mugace Talataye  niho baciye bamunyuruza ubutarariye. Ukurekurwa kwiwe kwamenyeshejwe kuwa 20 Ntwarante 2023 i Niamey arikumwe na Jeffery Woodke  afise ubwenegihugu bwa Amerika, yari yanyurujwe haraciye imyaka 6 mugace kari musi ya Sahara.

Olivier DuBois ariko aramukanya na Canèle Bernard bavukana.

Olivier DuBois yari yanyurujwe n’ umurwi ukorana n’ idini ryaba Islam al-Qaïda wi Maghreb islamique (Aqmi), kuva afatwa haragiye ahabona amasanamu 2 yiwe mu 2021 no muri Ntwarante 2022 ariyo yatumye baguma basaba irekurwa ryiwe ndetse haratunganijwe n’isekeza rikomeye risaba irekurwa kuri we.

Olivier Dubois na Jeffery Woodke bashitse i Niamey bahejeje kurekurwa.

Olivier Dubois na Joffery Woodke bashimiye cane Uburansa hamwe n’ igihugu ca Niger cabafashije kugira bashobore kwidegevya, no kuruhande rwa Amerika bakengurutse cane kubona umwenegihugu wabo asubira gutaha, Jake Sullivan umuhanuzi w’umutekano ku rwego rw’igihugu.

Kuva aho imigenderanire yo reta y’ Ubufaransa itosekaye n’igisirikare ca Mali, Ubufaransa bwaciye bwikora kuri Niger kugira ibiganiro  yokurekura Olivier Dubois bibandanye neza mugihe vyari bisa nk’ivyahagaze, niho uwutwara igisirikare muri Niger yagiye i Bamako muri Mali kuvugana n’uwutwara igihugu ivyifatakibanza colonel Assimi Goïta baganiriye ibijanye n’umutekano hagati wivyo bihugu kuko bihana imbibe. abakurikiranira hagufi ivyimfungwa ya Olivier Dubois babonako ariyo nyinshu nziza urwo rugendo rwatanze.

Related posts

Umukuru w’igihugu yuguruye icese urumuri rw’amahoro rugira 17.

Yvan Manager

Haciye imyaka 65, bamenye yuko babagujije bakiri inzoya mu bitaro.

Yvan Manager

Congo: Abantu 31 barapfuye,145 barakomereka mu misunikano bashaka kwiyandikisha mu gisirikare.

Yvan Manager

Leave a Comment