InkinoMumahanga

Youssouf Nyange : Igitsindo ca mbere mu gihugu c’ Ubufaransa.

Ndayishimiye Youssouf batazira Nyange yaraye yinjije igitsindo ciwe ca mbere arikumwe n’umugwi wiwe mushasha  wa OGC Nice inyuma yo kwiyunga nawo mu kwezi kwa mbere, inkino nyinshi aratagura. Yacinjije murukino umugwi wiwe Wari wagendeye umugwi wa FC Nantes,urukino rwagiye kurangira banganya ibitsindo bibiri kubindi (2-2)

Youssuf Ndayishimiye bamukeje ahejeje gutsinda.

Nyange abaye umurundi agira kabiri atsinze igitsindo mw’ihiganwa rikuru ry’ igihugu  c’Ubufaransa inyuma ya Saido Ntibazonkiza yatsindiye umugwi wa Caen, bariko bakina n’umugwi wa Reims biza kurangira ari igitsindo (1-0) hari kw’igenekerezo rya 16/2/2016.

Nyange n’umwe mu bakinyi ba barundi bariko bavyitwaramwo neza iyo bari k’umugabane wa Buraya, yavuye  mu burundi agenda muri Turquie avuye mu mugwi wa Aigle noir mu mpera za 2019, agenda mu mugwi wa Yen Maranthiaspor avuye ngaho aca aja muri Istanbul Basaksehir naho nyene ahagira ibihe vyiza akabaya yahatsindiye ibitsindo bitandatu.

Yaratwaye agashimwe nk’umukinyi mwiza yaranze umwaka mu burundi gatangwa na AJS 2021-2022.

Related posts

Umurwi Hamas uvugako wishe umusirikare akomeye wa Isirayeli.

Yvan Manager

RDC: Abatavuga rumwe na reta bafise amakenga k’uwurongoye umurwi w’amatora n’uwurongoye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Yvan Manager

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Yvan Manager

Leave a Comment