Imibano

Umugambi PRRPB watanze inka 270 ku benegihugu bo mu ntara ya Kayanza.

Imiryango yo ku mitumba 9 muri komine Matongo yahawe inka 270 biciye mu mugambi PRRPB ufashwe mu mugongo n’ibanki y’isi, kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Munyonyo 2023. Dodiko Prosper, Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi akaba yibukije abo banyagihugu ko ivyo bitungwa bategerezwa kuvyorora neza, ntibazoje kubibaga. kubenegihugu bakengurutse cane iyo ngabire bahawe kubera ije kubasahiriza ukuntu bari babayeho.  Umwe murahawe inka yiteze yuko kizomuha amase, maze agatabira imirima yiwe, nayo abana biwe bakaronka ivyo bafungura n’amata banywa.
Nkuko ayo makuru tuyakesha abamenyeshamakuru bakorera muriyo ntara, Kayanza yari yaserukiwe n’umuyobozi mw’ishikira kubwiwe yarakengurutse cane kubona Reta ifadikajije n’umugambi PRRPB ufashwe mu mugongo n’ibanki y’isi, yariyumviriye iyo komine. Kubwiwe ngo iyo ngabire izofasha kwugwiza umwimbu muri iyo komine, ndetse n’ubuzima bw’abahaba bwisununure. Akaba yagiriyeko asaba ababa kuri iyo mitumba ko bokura amaboko mu mpuzu, maze bakitaho ivyo bitungwa ukwo bikwiriye, kuko bitegerezwa kwororerwa mu nzu.
Image
Dodiko Prosper, Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi.
Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi akaba yibukije abo banyagihugu ko ivyo bitungwa bategerezwa kuvyorora neza, ntibazoje kubibaga, kugira ngo bazokwokoreranire biciye mu runani rw’abasangiye urugendo mw’iterambere. Akaba yamenyesheje kandi ko abajejwe intwaro n’ubworozi ku nzego zose bazokorana, kugira ngo bakurikirane ivyo bitungwa, maze uwuzonanirwa kucorora azocakwe, gihabwe uwundi.
Ivyo biruko mu gihe biciye muruyo mugambi PRRPB, kuva utangura mu gihugu umaze gutanga inka kubenegihugu zishika ,1.479 aho ukorera hose muu gihugu, izirenga 80 zikaba zimaze kuvuka zivuye kuri izo zatanzwe.

Related posts

Adrienne, umukinyi wa Ninde azovuzwa gushika akire n’umugambwe CNDD-FDD.

Yvan Manager

Gabriel Rufyiri “kuvyara benshi biri mu biriko birwiza ubukene.”

Yvan Manager

Mpfubusa akora mu bushikiranganji bw’intwaro yasiguriye uko ukuntu akora ubworozi bw’inkwavu.

Yvan Manager

Leave a Comment