Igihugu c’ Uburusiya kiremeza babicishije kubategetsi babo yuko umukuru w’igisirikare c’abacangero b’Abarusiya Yevgeny Prigozhin yemeje ko yahitanywe n’isanganya y’indege ryabaye kuwa gatatu w’indwi iheze nkuko basanze ibiziga vyabari muriyo ndege bihuye n’amazina yabari ku rutonde muriyo ndege bafise nkuko akanama k’iperereza k’Uburusiya (SK) kabishikirije ahabona.
Yevgeny Prigozhin, yarafise imyaka 62, yitavye Imana amaja haruguru y’iburengerazuba bw’umurwa mukuru wa Moscou hari igenekerezo rya 23 Myandagaro ihitana abantu 10 bose barimwo nkuko ikinyamakuru co murico gihugu kibivuga. Kurahande rw’ibiro vy’Umukuru w’Igihugu w’Uburusiya Kremlin baramirira kure yuko ataruhara rubifisemwo kuriyo nsanganya yiyo ndege.
Abategetsi bo muri Amerika bavuze mu kinyamakuru CBS ko bishoboka cane ko icateye isanganya ry’indege ari ikintu coba caraturitse kiri mu ndege, ndetse ubushikiranganji bw’igisirikare c’ Amerika bwavuze ko bishoboka ko Prigozhin yishwe.
Ku wa gatanu mundwi iheze, Dmitry Peskiv umuvugizi wa Kremlin yavuze ko ibihuha vyuko hari ubugizi bwa nabi bwabayeho ari “ikinyoma cambaye ubusa”.