InkinoMuburundi

“Turizeye intsinzi muri rino higanwa rya Tennis, nta bwoba dufise.” Umumenyereza.

Umugwi nserukiragihugu wa Tenis w’abarundi bafashe indege bangana mu gihugu ca Angola mw’ihiganwa bitiriye Coupe Davis ryataguye igenekerezo rya 9 gushika 14 Ruheshi 2025. Igihugu caserukiwe na Guy Orly Iradukunda, Allan Terry Gatoto, Omar baherekejwe n’umumenyereza Innocent Ndayishimiye .Muri iryo higanwa Uburundi bwitabiriye, bugiye kurondera kuduga muri Division 3 (harwiriyemwo ibihugu bikomeye vyo kw’isi) bava muri Division 4.
 Mu mwaka wa 2024, Uburundi ntibwaronse amahirwe yo kuduga muri Division 3 kuko bagarukiye mu gice ca 2 gishira ica nyuma (mu gihe hasanzwe haduga 2).Abo bakinyi uko ari 3 basanzwe bamenyereye amahiganwa akomakomeye kuko Guy Orly Iradukunda yimenyerereza muri USA, Omar Mohamed muri Emirats Arab-Unies, Allan Terry Gatoto akaba ageze ku mugabane wa buraya.Umwe mu barongoye umugwi waserukiye abo bakinyi b’Abarundi ari we Innocent Nshimirimana avuga ko ata gihugu nakimwe batinya mu bihugu vyitabiriye iryo higanwa muri Angola yashikirije ko bizeye intsinzi: “Turizeye intsinzi muri rino higanwa rya Tennis, nta bwoba dufise ” .Peut être une image de tennis et texte qui dit ’ITF TTIARIO ្ម DAVIS DAVISCUP CUP AFRICA GROUP AFRICAGROUPIV IV ANGOLA BURUNDI CONGO RDC COTE OTEDIVORE GABON GHANA KENYA POOL A MAURITIUS GHANA POOL B COTE COTED'IVOIRE D'IVOIRE CONGO RDC BURUNDI ANGOLA KENYA MAURITIUS GABON THE WORLD CUP OF FTENNIS ® 09TH- 14 JUNE, 2025 XG @ Davis Cup Academia de Ténis Kikuxi Villas Club TEAMSPONSORS TEAM SPONSORS -Luanda LACOSTE daviscup.com EVENTSPONSORS EVENT SPONSORS Socinter KAYA LOCAL INSTITUTION Federação Angolana de Ténis Odebrecht NONEPEMSENGIA A8P9-IND4 ANGOLA minjud.gov.ao minjud d.gov. าลคเวจคม NSPOITOS’
Uburundi buri mu murwi B barikumwe na Cote d’ivoire, Kenya hamwe na Gabon.
Kuri uno wa 11 Ruheshi 2025, Uburundi buzohuza ubwayi na Kenya aho bazokina inkino 3 (umukinyi umwe umwe w’umurundi azohura nuwo muri Kenya mu nkino 2) hanyuma hace haba urukino rwa Double rwo kubatatura.
Ivyo biruko mu gihe muri iryo higanwa rya Davis Cup, haronderwa ibihugu 2 vyiza bizoca biduga mu muce wa 3

Related posts

RÉAL MADRID vs BARCELON: NINDE AFISE MAHIRWE YO GUTSINDA ?

Buja Media

Amatora 2025: ”Igikorwa co gutanga amakarata yitora cagenze neza” François Bizimana avugira CENI.

Yvan Manager

Angeline Ndayishimiye yaserutse ku mpunzi z’Abanyekongo n’abarundi batewe n’imyuzure.

Yvan Manager

Leave a Comment