Politike

BURUNDI: IGISHASHA PEREZIDA YAKUYE MU RUGENDO YAHORAMWO.

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye, yahora mu gihugu kibanyi ca Congo mu nama yamuhuza na bagenzi we barongoye ibihugu n’amareta bihurikiye mu muryango w’ibihugu vya Afrika yo hagati mu vy’ubutunzi(#CEEAC).
Inyuma y’iyo nama yaragendeye mugenziwe arongoye Congo Brazzaville barayaga. Ashitse ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye aganuka ku wa 27/02, Varisito Ndayishimiye yavuze bumvikanye :
1. Inteko zoshirwaho kugira zize ziratabara mu bihugu bigize umuryango , “ziriko zirategurwa kandi kuva mu kwezi kwa Mukakaro , ibiro bikuru bizoba birongowe n’umurundi”.
2. Gushiraho ikigo gikurikirana amasoko y’amazi kandi icicaro kizoba kiri  Bujumbura;
3. Uburundi ni bwo buzoramutswa umuryango wa CEEAC kuva 2025 ;
4. Gushiraho umuhora wofasha mu gufatanya uwo muryango maze ivy’ubutunzi bikagenda neza.
Umushikiranganji wa w’uburimyi wa Congo Brazaville , agiye kugendera Uburundi vuba.

Related posts

Umukuru w’umugambwe CODEBU yarekuwe amaze iminsi 4 mu Mpimba.

Yvan Manager

Amatora 2025: Imyiyamamazo yuguruwe icese n’Umukuru w’Igihugu.

Yvan Manager

Buramatari wa Ngozi yemereye impinduka mu bijanye n’ibitoro,isukari,umuyagankuba n’amazi meza

Yvan Manager

Leave a Comment