Inkino

Imirwi 4 yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri.

Mu ntumbero yo kurondera izindi ngabire zitandukanye mu mupira wa maboko, Imirwi 4 yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri mw’ihiganwa ryateguwe n’uwahoze ari umukinyi muri basketmuri zone Ngagara,IRI muri komine Ntahangwa,ubu asanzwe aba mu gihugu ca Swise, Lionel Nkurunziza batazira Lokomotive ahakorera ibikorwa vyo kumenyereza abari musi y’imyaka 14 mu murwi w’abahungu Pully Lausanne Foxes.
Uko batsindanye nuku gukurikira:
1/ NBA Intwari 32-48 New Star .
2/ ABC 61-57 URUNANI.
3/ Les Amis 29-36 GREEN
Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma,ni kuruyu wa Kane uza.
1/ NEW STAR vs URUNANI
2/ ABC vs GREEN.
Ivyo biruko mu nteguro yavyo Lionel Lokomotive azoza arabikora ku mwaka ku mwaka.
Vyinshi cane ku nkino zabaye muriryo higanwa, muzobikurikirana kuwa mbere, kuri Buja FM mu kiganiro c’inkino.

Related posts

NANI MKHARI 2023: Young Sisters iratahukanye igikombe.

Buja Media

Abakunzi ba Dynamo bazohanwa kubera berekanye inyifato mbi yo kubiba urwanko.

Buja Media

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Buja Media

Leave a Comment