Mu ntumbero yo gutsimbataza umubano mwiza w’inyigisho n’iterambere ry’urwaruka, Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubuganda mu Burundi bwaratunganije, ku wa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2025, ibirori vyo guhura no gusagira n’abanyeshure b’abarundi bize muri ico gihugu. Ivyo birori vyabereye mu nyubakwa z’ubwo buserukizi i Bujumbura vyatewe iteka na H.E Matayo Kyaligonza aserukira ico gihugu mu Burundi.
Intumbero nyamukuru y’ivyo birori yari ugushima aho abo banyeshure bageze mu buzima bw’akazi n’imibano, no guhamagarira abandi barundi bipfuza gukurikirana amashure canke porogarama zitandukanye muri Ubuganda. Vyashimangiwe kandi ko no mu Burundi hasigaye amashure ane yigisha porogarama zemewe zo muri ico gihugu, ikintu kigaragaza uko uwo mubano w’inyigisho uriko urakomera. Uko gusagira no kuyaga vyari bigamije guha ikibanza n’uguhanahana ubumenyi, ndetse no kuyaga mu buzima bw’akazi inyuma yo guheza amashure, mu gihe abanyeshure benshi bagaruka mu gihugu bafise ubumenyi n’ubuhinga bwungukira igihugu. Ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyeshure bize muri Ubuganda mu mashure yisumbuye hamwe n’ayakaminuza.

H.E Matayo Kyaligonza uwuserukira igihugu c’Ubuganda mu Burundi yarashikirije intambwe ziriko zirakorwa mu kurondera ukworohereza abanyeshure b’abarundi baja kwiga muri ico gihugu, cane cane ku bijanye n’uko ibibazo (examens) vyoshobora gukorerwa ngaha mu Burundi. Iyi ngingo igamije kugabanya ingendo ndende n’ingorane ziterwa no kuja kwiyunguruza bashika m’Ubuganda. Mu majambo yiwe, uwuserukira ico gihugu yarateye akamo ko hoshirwaho ishirahamwe ry’abarundi bize muri Ubuganda, rizofasha mu kubumbatira ubumwe, gufashanya hagati yabo no guteza imbere imigambi y’iterambere itandukanye. Iryo huriro rizohora riba rimwe mu mwaka, ku wa gatanu wa kabiri w’ukwezi kwa Kigarama.

Ivyo birori vyaherahezwe n’ibihe vyo gusagira, gutamba no kuryoherwa n’indirimbo zo mu Burundi hamwe n’izikunzwe mu gihugu c’Ubuganda, vyerekana ubucuti bwiza mubano bukomeye hagati y’ivyo bihugu bibiri.
