MuburundiPolitike

Varisito Ndayishimiye yarahagarariye amasezerano yo guhagarika intambara hagati yu Rwanda na Congo

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Evariste NDAYISHIMIYE, yagarutse ku wa gatandatu, igenekerezo rya 6 Kigarama 2025, avuye i Washington D.C. muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho yari yitavye ubutumire bwa mugenzi we, Nyenicubahiro Donald Trump, kugira yitabire ibirori vy’ugusinywa kw’Amasezerano y’amahoro y’akaranga hagati ya Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC) n’igihugu c’u Rwanda, vyasinywe ku wa 4 Kigarama 2025.

Urwo rugendo rwabaye intambwe y’intsinzi, rukaba rwaranzwe n’ishimwe rikomeye ryatanzwe na Perezida Donald Trump ku Mukuru w’Igihugu c’Uburundi, kubera uruhara rwiwe rudasanzwe n’ingirakamaro mu gushigikira amahoro n’umutekano mu karere, cane cane mu buseruko bwa RDC.Muri ivyo birori, Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE yari aherekejwe n’abandi Bakuru b’ibihugu batatu bo muri Afurika, nabo bari batumiwe nk’ivyabona:
– Umukuru w’igihugu c’Angola, akaba n’Umukuru w’Umuryango wa Afurika Yunze Ubumwe (UA);
– Umukuru w’igihugu c’Kenya, akaba n’Umukuru w’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC);
– Umukuru w’igihugu ca Togo, yari yitavye nk’Umuhuza hagati ya RDC n’u Rwanda.

Mu gihe yashikiriza ijambo ryiwe imbere y’isinzi ry’abantu n’abariko barakurikirana ibirori ku buhinga ngurukanabumenyi, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Evariste NDAYISHIMIYE, yagaragaje akanyamuneza ku ntambwe nshasha y’amateka y’akarere. Yarahamirije ko azobandanya atiziganya gukorana n’abandi kugira amahoro n’umutekano arama bikomeze gusasagara mu karere kose k’ibiyaga binini.

Yashimiye Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku gushigikira yivuye inyuma iryo sezerano, anahamagarira amashirahamwe mpuzamakungu n’amakungu yose kwifadikanya mu gushyira mu ngiro ivyo vyumvikanyweko, kugira akarere k’ibiyaga binini gasubire kwibera mu mahoro aramba.

Related posts

Umushikiranganji Arielle Kayabaga ahejeje kurahira yinjira mu mabanga nyezina.

Yvan Manager

Brarudi yashize kw’isoko Amstel Bright ikinyobwa gishasha.

Yvan Manager

BS Dynamik wa myuma watsinze Vision FC wari mu kibanza ca mbere kundwi igira 10.

Yvan Manager

Leave a Comment