MumahangaPolitike

Bénin: Ikiringo c’Umukuru w’Igihugu ciyongerewe gushika ku myaka indwi.

Ikiringo co gutwara igihugu ciyongereye kiva ku myaka 5 gushika kuri 7 bibaye mu gihe hasigaye gusa amezi atandatu ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa Ndamukiza 2026, igihugu ca Bénin carahinduye ibwirizwa nshingiro ryaco. Ku wa gatandatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2025, Inama nshingamateka yaratoye iryo hinduka rihambaye, aho abatoye bariko ari 90, 19 baravyanse, ata n’umwe yifashe.

Iryo hinduka rije inyuma y’amasaha make Urukiko rukuru rw’igihugu rujejwe ibwirizwa nshingiro rwemeje urutonde rw’abazokwitaba ayo matora. Muri ayo matora, Romuald Wadagni, umushikiranganji w’ikigega ca Reta akaba n’uwo Patrice Talon yagenye nk’umusubirizi wiwe, azohangana na Paul Hounkpé, wo mu runani rutavuga rumwe na Reta (FCBE), yigeze no kwitoza mu 2021. Renaud Agbodjo, yashikirijwe n’umugambwe nyamukuru utavuga rumwe na Reta Les Démocrates, ntiyemejwe ku rutonde rwa nyuma kubera kubura abamurengutsa (parrainages), nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa.

Naho ikiringo c’umukuru w’igihugu ciyongerewe ku myaka 7, ingingo ivuga ko umuntu ashobora kuba umukuru w’igihugu incuro zibiri gusa mu buzima bwiwe ntiyahinduwe. Itegeko ryemejwe n’inama nshingamateka ririndiriye kugenzurwa n’urukiko rw’ibwirizwa nshingiro imbere y’uko rishirwa mu ngiro ku mugaragaro.

Related posts

Sarah Wilkinson, yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo yirongora wenyene.

Buja Media

Brésil : Carlo Ancelotti yagize urutonde rw’abakinyi azokwifashisha bategura igikombe c’isi 2026, Neymar atarimwo.

Buja Media

Guinée-Bissau: Jenerali Horta N’Tam yarahiye amenyesha ko azotwara umwaka 1.

Buja Media

Leave a Comment