ImyidagaduroMuburundi

Abaririmvyi bitakiriho b’abarundi baributswe ku ncuro ya 2.

Abaririmvyi b’abarundi barenga 20 batakiriho baributswe kuruyu w’Imana n’amashirahamwe 4 bafise uruhara rudasazwe mu gukurikirana umuziki mu Burundi, bashitse ku ntatemwa ku Mpanda muriyo komine ikibanza bashingura abitavye Imana. Ivyo bikorwa vyatagujwe n’imisa yo kubasabira.  Intatemwa bashoboye gushika harimwo iya Jean Christophe Matata,Nibizi Chantal, Sinzinkayo Léonard hamwe na Miss Eica. Ku mugoroba wuyo munsi baragize igiteramo ku Mutwenzi Bar.

Buja Fm yashoboye kwishikira gukurikirana ivyo birori vyari vyitabiriwe n’abanyamuziki batandukanye barikumwe n’abandi bari murico gisata. Hari abana bumwe murabo bavuye ku mugabane wa Buraya baje murico gikorwa kibaye ku ncuro ya 2Ibikorwa nyezina vyataguriye ku Mpanda, abashitse murico kibanza bagiye barashika aho babahamvye, igihe bashika kuri iyu mwumwe wese, Twagirayezu Marie yaca asenga. Abitamvye Imana bose bashitse kumva yabo baca baririmba akaririmbo yaririrmvyi kamenyenyekanye cane. Ibikorwa vyaciye bibandaniriza Ku Mutwenzi Bar ku mugoroba wuyo munsi.

Abaririmvyi batandukanye bibutswe uwo munsi.

Rukinzo Band iri imbere na Pisco yarateramisheje abatari bake barico muico kibanza. Inyuma ku sanamu bashiramwo isanamu y’umuririmvyi baca baririmba n’indirimbo yiwe. Christian Nsavye umworosha majambo ari mubateguye ico gikorwa yabaza kuvuga amwe mu mateka yuwo muririmvyi mu ncamake. Ikindi cibonekeje nuko hari abaririmvyi bakiri bashitse murico kibanza baje gushigikira abatakiriho baronse akanya bararirimba.

Mwomenya ko ico gikorwa kigira kabiri giteguwe bakaba bipfuza ko ku mwaka ku mwaka boza barakora ico gikorwa categuwe na Hope Street Inkinzo, Nsavye Multiservices, Sovab Agashitsi na Gato Karakura Music Center.

 

Related posts

CECAAF 2025: Uburundi bwayakiriye bwatsinze 6-0 RDC.

Yvan Manager

Uburundi bwatakaje urukino imbere ya Côté d’Ivoire.

Yvan Manager

Brarudi yashize kw’isoko Amstel Bright ikinyobwa gishasha.

Yvan Manager

Leave a Comment