InkinoMuburundi

Primus Ligue 2025-2026: Hinjiye ibitsindo 19; Aigle Noir mu kibanza ca mbere.

Ibitsindo 19 nivyo vyinjiye kundwi igira 4 y’ihiganwa rya Primus Ligue yabaye murino indwi iheze, Aigle Noir yashoboye gutsinda ibitsindo 4 kurusha iyindi mirwi kandi niyo nyene iri mu kibanza ca mbere ku manota 12 mu nkino 4; ifise ibitsindo 13 yibitseko inganya na Flambeau du Centre ariko ikayirusha ibitsindo. Iyindwi  ntakintu kidasanzwe cahabonesemwo uretse ubwinshi bw’ibitsindo.

Urukino abantu benshi bari barindiranye iishika cane rwari urukino rwa Musongati FC na Vital’o FC urukino rwaheze banganije ubusa ku bundi bica bituma Vital’O FC icigira inota 1 ku nkino 4. Omar Ntakagero amenyesha ko “twatakaje imipira myinshi imbere yigori, ico batakoze gusa n’ugutsinda arivyo nyene ntabatumye, ico gukosora n’ugutsinda” amenyereza Musongati FC.

Image

Uko bagiye baratsindana kuriyi ndwi: 

1/ BG Grenn 2-3 Ngozi City.

2/ Garage EX FC 0-3 Flambeau C

3/ BS Dynamik 0-1 Muzinga

4/ Olympic Star 1-0 Vision FC

5/ Musongati FC 0-0 Vital’O

6/ Rukinzo FC 2-0 Inter Star

7/ Kayanza UTD 1-1 Bumamuru FC

8/ Aigle Noir CS 4-1 Messager Ngozi.

Mwomenya ko muriyi ndwi igira 5 inkino 2 zitazoba kubera Aigle Noir na Flambeau du Centre bazoba bariko baritegura gukina inkino za CAF Confederation CUP zizobera kuri Stade Intwari igenekerezo rya 20 gushika 21 kuri stade Intwari igihe c’isaha icenda.

Related posts

Hari hitezwe abanyeshure 53.989 bakora Extat mu gihugu cose.

Yvan Manager

Kirsty Coventry umukenyezi wa mbere atwaye CIO kandi w’umunyafrika.

Yvan Manager

Jean Jacques Boissy azokinira Milwaukee Bucks muri NBA Summer League.

Yvan Manager

Leave a Comment