InkinoMuburundi

Alexandre Muyenge agiye gutwara vy’imfatakibanza CECAFA.

Alexandre Muyenge atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) agiye gutwara vy’imfatakibanza Inama y’amashirahamwe y’umupira w’amaguru yo muri Afirika y’ubuseruko n’iyo hagati (CECAFA) ni ishirahamwe ry’ibihugu bikina umupira w’amaguru muri Afirika y’ubuseruko gushika ku nama nkuru y’amatora itegekanijwe mu 2026. Umukuru asanzwe arongoye CECAFA, Augustino Maduot, yashikirije ku mugaragaro ubuyobozi bwa CECAFA uno musi i Nairobi muri Kenya.

Alexandre Muyenge yahora ari cegera c’uwutwara CECAFA kuva igenekerezo rya 2 Rusama 2025 yari yatowe mu nama yaherutse kuba y’abakuru b’amashirahamwe ahurikiye muri CECAFA.

Image
Alexandre Muyenge agiye gutwara ishirahamwe rya CECAFA vy’ imfatakibanza .

CECAFA itunganya amarushanwa ayandi atandukanye, arimwo :

– Igikombe ca CECAFA c’amakungu (Coupe CECAFA des nations) : Ni ihiganwa riba uko umwaka urangiye rihuza amakipe y’ibihugu y’abagabo.
– Igikombe ca CECAFA c’abakenyezi (Championnat féminin du CECAFA) : Ihiganwa rihuza amakipe y’ibihugu y’abakenyezi.
– Amarushanwa y’urwaruka : CECAFA itunganya amarushanwa y’abakiri bato, harimwo ay’abari munsi y’imyaka 20 (U-20) n’ay’iyindi mihari y’imyaka.
– Igikombe ca Kagame Inter-Club : Ni ihiganwa risa n’iry’amakungu, ariko rihuza ama clubs yo mu karere.

Related posts

Paul Kagame akina umupira w’amaguru.

Yvan Manager

FFB: Urutonde rushasha rw’abakinyi nserukiragihugu.

Yvan Manager

Inkino, akaranga n’ikiyango, vyarahuje abarundi bava mu bihugu 9.

Yvan Manager

Leave a Comment