InkinoMuburundiZidafise Umuce

Volleyball World Beach Pro Tour ryuguruwe icese Umushikiranganji wa Mbere.

Umushikiranganji wa mbere yuguruye icese ihiganwa ryo ku rwego rw’isi bise Volleyball World Beach Pro Tour ribereye i Bujumbura mu kibanza Eden Garden Resort ku ncuro igira 3 ribereye mu Burundi, habonetsemwo Lydia Nsekera umushikiranganji w’inkino hamwe. Hitavyemwo ibihugu birenga 8 vyo ku migabane yose harimwo Allemagne, Brazil, Estonie, Tanzanie, Kenya, Maroc hamwe n’ibindi bitandukanye. Uburundi bwaserukiwe n’imirwi 4 y’abahungu ni 3 y’abakobwa. Inkino Abarundi zose bakinye bazitsinze.

 

Uyu munsi niho iryo higanwa ryatagura rikazomara iminsi 4 ririko ribera murico kibanza, uyu munsi hakaba barushanije uku gukurikira: Image

1/ Burundi 2-0 Côte d’Ivoire

2/ USA 2-0 Germany

3/ Brasil 2-0 Germany

4/ Tanzanie 2-1 Etsonie

5/ Burundi 2-1 Tanzanie

6/ USA 2-0Tanzanie

7/ Burundi 2-1 Germany

Nestor Ntahontuye umushikiranganji wa mbere wa Reta, yashimiye inzego zijejwe inkino ku rwego mpuzamakungu ku kuntu bongeye guha agaciro Uburundi incuro ya 3 ikurikirana, hamwe n’abitabiriye ayo mahiganwa bavuye mu bihugu bitandukanye vy’isi. Yarasubiyemwo kandi ko Reta y’Uburundi yiyemeje gushigikira no guteza imbere urwego rw’inkino.

Amwe mu masanamu yaranze uwu munsi:ImageImageImageImageImageImageImageImageImageImageImage

 

Related posts

Cecafa Champions League: Buja Queen’s mu 1/2 finale.

Yvan Manager

Primus Ligue Burundi: Ku musi ugira 23, ryasozerewe gute?

Yvan Manager

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Yvan Manager

Leave a Comment