InkinoMuburundi

Aloys Ntakirutimana aramutswa ishirahamwe FEBABU.

Ishirahamwe ry’umupira wa maboko Basketball mu Burundi “FEBABU” rigiye kurongorwa na Aloys Ntakirutimana yaronse amajwi 19 kuri 27 y’abatoye arushije Sebarinda Chris Bosco yaronse amajwi 8 hari kuruyu wa gatandatu. Uwatsinze yemereye ko iryo shirahamwe azoriha imiriyoni 50 hamwe n’imiriyoni 20 buri ishirahamwe ryo hagati mu gihugu afatiye kuca mbere yuko agiye gushira imbere ikibazo c’inyubakwa y’akarorero. Aloys agiye gutwara FEBABU mu kiringo c’imyaka 4.

Uko amatora yagenze.

Nkuko ayo makuru tuyakesha umumenyeshamakuru wa Buja Media mu gisata c’isamirizi ya Buja FM, yatumenyesheje yuko ivyo bikorwa vyataguye biteba kubera imibonano itandukanye yariko iraba mu turwi turwi. Gushika mu gatondo kuwo munsi, abari mu kibanza c’abashaka kwitoza bari 4 ariko inama iza gutagura uwatwara umurwi utegura amatora yazanye amakete 2 ya Rukundo Joe Dassin na Bonaparte Ntijirazana arimwo ubutumwa bwo gusokora mu matora haca hasigara 2 gusa, bashikirije ko bashigikiye imigambi ya Aloys Ntakirutimana. Mu migambi yihutirwa Aloys Ntakirutimana yashize imbere harimwo kwubaka ikibuga gisakaye kugira bimwe vyo guhagarika inkino kubera imvura bihagarare, aho yemeye gushiramwo imiriyoni 50 Fbu (yiwe bwite) no kurondera bo bafashanya mu kwubaka ikibuga, gukomeza urukino mu ntara zo hagati, mu guha imiriyoni 20 Fbu buri shirahamwe ryo mu ntara (ku ntunganyo nshasha y’intara) kugira urukino rwa Basketball rutsimbatazwe.

Abari bemerewe gutora 27 bategerezwa kuba ari 12 baserukira imirwi y’abagabo, 6 batwara imirwi  y’abigeme, 5 batwara amashirahamwe yo hagati mu gihugu, 2 baserukira abakinyi, umwe aserukira igisata c’abigeme, umwe aserukira abasifuzi. Murayo matora, Aloys Ntakirutimana ahejeje gutorwa yaciye yerekana umurwi nyobozi bagiye gukorana nabo naba bakurikira:

– Aloys NTAKIRUTIMANA: Arongoye FEBABU

-Joe Dassin RUKUNDO: Icegera

-Claver HACIMANA: Umunyamabanga Mukuru

-Vera Idriss HUMURIZA: Icegera c’umunyamabanga mukuru

– Vincent de Paul NKURUNZIZA: Uwukurikirana uburyo

-Radegonde IRAKOZE: Icegera c’uwukurikirana uburyo.

Aloys Ntakirutimana azoshikira ayo mabanga inyuma y’indwi 2 acashiraho abazomufasha gutwara bazoba bari muma komisiyo atandukanye. Aloys Ntakirutimana agiye gukorera mu ngata Hacimana Claver yahora arongoye Febabu ivy’imfatakibanza inyuma y’aho uwari yaratowe kuyirongora muri 2021, Apôtre Jean Paul Manirakiza atangiye imihoho atararangiza ikiringo.

Related posts

Interzone Bujumbura ku ncuro igira icenda rigiye gutagura.

Yvan Manager

AFCON 2023: Intamba Mu Rugamba bafashe urugendo rubashikana muri Tanzaniya.

Yvan Manager

Etienne Ndayiragije, atsinzwe urukino rwa mbere mu Ntamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Leave a Comment