Urukino rurandiranwe n’abantuu benshi uyu munsi isaha zitatu z’ijoro ku masaha yo mu Burundi, umurwi Arsenal wo mu bwongereza uza gutana mu mitwe na Real Madrid ufise amamuko muri Espagne mu rukino rwo gusubiriza mu gikombe ca Ligue des Champions mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Umurwi wa Arsenal waheruka gutsinda ibitsindo 3 ku busa uwo murwi wa Real Madrid. Urukino ruza kubera ku kibuga santiago bernabéu mu gisagara ca Madrid muri Espagne.
Amahirwe bamwe n’abandi babonako agoye ku murwi Real Marid gustinda ibintsindo 3 kubusa kugira ashike mu gice canyuma abandi bakabona yuko n’umurwi wa Arsenal utoroshe bivanye n’ukuntu baheruka kwifata imbere ya Real Madrid.
ku mbuga zitandukanye birerekana yuko urukino rwuno munsi rugoye cane gose kuvuga uwuza gutsinda kubera haza kubonekamwo ibinyegezwa vyinshi bivanye nurwo rukino. Abakurikirana hagufi ivyumupira ntibatomora neza uko urwo rukino rushobora guhera kubwabo babona yuko ibiza kumenyekanya vyose uruko umupira uheze mu kwirinda yuko bosanga ibintu bishobora guhinduka nkuko Real Madrid ikunda gustinda kumwanya wanyuma.

Anceloti amenyereza Arsenal kubwiwe yizigiye rutazoba urwa nyuma “Ndatekanye. Uyu munsi si urukino rwa mbere rukomeye fise kandi nizigiye ko rutazoba urwa nyuma!”

 Nk’ukwibutsa, urukino rwa nyuma hagati y’ayo makipe yompi rwarangiriye ku neza ya Casa Blanca (2-2, 3-2), mu gihe c’igikombe mpuzamakungu 2019.