ImibanoMuburundi

Ikinyamakuru Yaga cemerewe kandi gusubira gukora.

Ikinyamakuru Yaga casubiye kwemerwa gukora n’ Inama y’Igihugu ijejwe gutunganya itangazamakuru mu Burundi CNC yakoranye kuri uyu wa 14 Ndamukiza 2024 inyuma yo kuyihagarika kumvo zuko hari ivyo batabona neza mu kw’ishirahamwe AJEBUDI ryashinze ico kinyamakuru. ikinyamakuru Yaga cari cahagaritswe ivyagateganyo kuwa 27 Ntwarante. Espérance Ndayizeye yanamenyesheje ko akenguruka “ubwitonzi ntangere abajejwe ikinyamakuru Yaga berekanye muri ico gihe.”
 Esperance Ndayizeye atwara CNC yamenyesheje ati: “Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaratwandikiye ikete ku wa 11 Ndamukiza, butumenyesha ko umuco wari ubuze ko ishirahamwe AJEBUDI risanzwe rikora biciye mu mategeko wabonetse. Duca dufata ingingo yo guhagarika igihano co guhagarikwa vy’agateganyo. Ubu ikinyamakuru Yaga kirashobora gushikiriza amakuru ukuri kwamye”
Mwomenya yuko iyo nama yari yahagaritse vy’agateganyo ico kinyamakuru bivuye ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busanzwe bujejwe amashirahamwe butabona neza dosiye y’ishirahamwe AJEBUDI ico kinyamakuru gikomokako.

Related posts

Professeur Émile Mworoha yitavye Imana ku myaka 85.

Yvan Manager

Ibisikanya mu mabanga y’abagiye kurongora FEBABU.

Yvan Manager

Gabriel Rufyiri “kuvyara benshi biri mu biriko birwiza ubukene.”

Yvan Manager

Leave a Comment