MumahangaPolitike

Umushikiranganji Arielle Kayabaga ahejeje kurahira yinjira mu mabanga nyezina.

Ibikorwa vyo kurahira ikibiriraho k’umushikiranganji wa mbere yinjiye mu mabanga ahabona muri reta nshasha ya Joseph Carney umushikiranganji agiye gutwara igihugu ca Canada agira uwa 24 murayo mabanga. Twisunze urutonde bose hamwe ni 23 abashikiranganji bashasha barahiye mu birori biriko bibera Rideau Hall mu gisagara ca Ottawa, harimwo na Arielle Kayabaga umurundikazi ariko yahavuye aronka ubwenegihugu bwico gihugu.

Image
Mark Carney umushikiranganji wa mbere arahira.

Nkuko uruganda rwa Buja Media rwabikurikiranye ikibiriraho uko bariko barimika umushikiranganji wa mbere mushasha iyatowe inyuma yuwo aje gukorera mu gata ataze imihoho bimuvuyeko. Kurahira baciye bagirako badatevye abagiye kumufasha murayo mabanga nkuko mubibana ku masanamu atandukanye muza kubona tubashikiriza dukesha bimwe mu binyamakuru bitandukanye vyari ku mugabane w’ Amerika bakurikirana ivyo birori.

Umurundikazi Arielle Kayabaga arikumwe na Joseph Carney umushikiranganji wa mbere agiye gutwara igihugu ca Canada. Nuwo mushingantahe yambaye ikori.

Umushikiranganji Arielle Kayabaga niwe mwirabure wenyene kandi akiri muto muri bose muri reta nshasha ya Canada, abashikiranganji bose ni 23.

Amajambo umurundikazi Arielle Kayabaga yanditse kurubuga rwiwe rwa X inyuma yo kwinjira mu mabanaga nyezina yagize ati ”Ndahimbawe cane n’uko ntanguye ibikorwa bishasha bajeje nk’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Ku batoye bose bo mu gisagara ca London, ndanezerewe kubandanya nkurikirana nkababera ijwi mu mabanga bamaye .”

Related posts

Bimwe mu bibazo bikuru bikuru vyabajijwe mu kiganiro c’abavugizi b’inzego.

Yvan Manager

Gabon: Abazokwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu bamenyekanye.

Yvan Manager

Varisito Ndayishimiye uko yakiriwe ashitse Serbie.

Yvan Manager

Leave a Comment