IbigezwehoUbutunzi

Amabuye y’agaciro mashasha ”Titane” bayeretse Umukuru w’Igihugu.

Umukuru w’Igihugu yakiri abatwara ikigo Fanalek co gucukura amabuye y’agaciro bita ”Titane” baje kumwereka ubwoko bushasha bw’amabuye babonye cane cane mu ntara ya Cibitoke muri komine Bukinanyana hamwe no mu ntara ya Rumonge. Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye yakeje yongera atera intege urwaruka rukora cane kugira rurwize umwimbu mukwikorera ivyabo. Umukuru w’Igihugu yasavye yuko ico gisata c’ubutare batoza barakirekera abanyamahanga.

Amabuye y’agaciro bita Titane.

Nkuko ayo makuru tuyakesha ibiro vy’Umukuru w’Igihugu “Ntare House” biciye kurubuga rwa X. Uwutwara iryo shirahamwe FANALEK, Jean Baptiste Ntakirutimana yamenyesheje avuga ko bazoshishikara gukora ubushakashatsi ku bijanye n’uko aya mabuye y’agaciro ahari, afite ibice 87 kw’ijana, mu gihugu hose kugira yongereze ubutunzi bw’igihugu narirya dukeneye amahera y’agaciro.

Image

Mwomenya yuko baherutse gutora n’ubundi butare bwa cassitérite, colombo na tantalite ahitwa Murehe muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo bahaye ishirahamwe SOTREVO (Mining Company Limited) ngo ribucukure kw’itegeko ry’Umukuru  w’Igihugu ryo kuwa 17 Nzero 2025.

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Related posts

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

Uburundi buza imbere mu bwigenge bw’ibinyamakuru mu bihugu vyo muri kano karere.

Yvan Manager

“Abarimyi ntibihutire gutera” Umushikiranganji ajejwe uburimyi.

Yvan Manager

Leave a Comment