Politike

Amazina 9 y’abazoserukira Uburundi mu makungu yemejwe n’Inama Nkenguzamateka.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Nyakanga 2023 mu ntara ya Gitega, Umukuru w’Igihugu yarungitse amazina mu nama nkenguzamateka yemezwe kugira bazoserukire uburundi mu makungu nkuko basanzwe babikora .Mu mazina yemejwe hakaba harimwo Eduard Nduwimana yahoze ari Umuhuza akaba n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Evelyne Butoyi yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu. Abo bose batowe ijana kw’ijana ku majwi 39 kuri 39.

Amwe  mu mafoto twashoboye kuronka bagiye guserukira igihugu hanze:

Édouard Nduwimana yigeze kuba umushikiranganji w’intwaro yohagati mu gihugu, akaba kandi yarabaye n’Umuhuza w’ Abarundi kuva mu 2016 gushika 2023.

Peut être une image de 1 personne, sourire et salle de presse
Annonciate Sendazirasa yahoze ari umushikiranganji ajejwe abakozi ba Leta kuva igenekerezo rya 29 Nzero 2009 gushika 24 Myandagaro 2015, basubira kumugena nk’ icegera ca kabiri c’Umuyobozi w’Ibanki nkuru y’Iguhugu kuva igenekerezo rya 25 Myandagaro 2020 gushika Rusama 2022.
Peut être une image de 1 personne, sourire et écharpe
Leontine Nzeyimana yigeze kuba umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Peut être une image de 1 personne et salle de presse

Umushingamateka Evelyne Butoyi yigeze kuba umuvugizi w’Umukuru w’Igihugu ariko imbere yo ngaho yarabaye umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru. Gushika uyu munsi yarasanzwe akora muri CVR.
Amb. Jean Bosco Barenge yarigeze guserukira Uburundi muri Kenya,yizegwa kuba Umuyobozi mw’Ishikira mu biro vy’Umukuru w’Igisagara ca Bujumbura, bamuhaye ayo mabanga yari umugendanyi w’Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye.
Abandi 4 ni Amb. Ernest Ndabashinze, Colonel Ntureka Didace, Amb Omar Ntezimbere hamwe na Hon Leontine Nzeyimana

Related posts

Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu mushasha ninde?

Yvan Manager

CVR yashikirije icegeranyo c’ivyaranguwe mu kiringo c’imyaka 4 imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka.

Yvan Manager

BURUNDI: IGISHASHA PEREZIDA YAKUYE MU RUGENDO YAHORAMWO.

Buja Media

Leave a Comment