Inkino

Umugwi wa Interstar ubaye umugwi wa mbere mu Burundi ugiye kumenyerezwa n’umupfasoni

Bélyse Ininahazwe niwe mumenyereza mushasha w’umugwi wa Interstar mu cicaro ca mbere muri PLB2023-2024. Ntivyari bimenyerewe ngaha iwacu bivuzeko abaye umupfasoni wa mbere agiye kumenyereza umugwi wo mu cicaro ca mbere . Ininahazwe Bélyse yavukiye mu Cibitoke ca Bujumbura ariga amashure araheza ashirako na Kaminuza mu gisata c’ukumenyeshamakuru aho yahavuye aharonkera impamyabushobozi.

Yakuze ari umwigeme akunda ivyo umupira w’amaguru aho mbere kuva 2002-2015 yaciye muri La Colombe FC arajabuka n’imbibe muri RDC nk’umukinyi wa Mungano FC muri ico gihe.
Mu mwaka 2016 yaciye aja muvyo kumenyereza aho yahavuye aronka impamyabushobozi zo Ku rugero rwa C arashika no kuri B ,uyu musi tuvugana iyo mpamyabushobozi yo kumenyereza afise iramwemerera kumenyereza mu cicaro ca mbere.

Mu mwaka wa 2017 yabaye icegera c’umumenyereza mukuru w’intamba mu Rugamba kubatarenza imyaka 20 Ku bigeme ,asubira kwizerwa nyene muri ico kibanza kuva 2021-2022 Ku bakuze .
Mu mwaka uheze akaba yamenyereza umugwi wa La Colombe FC muri LWL mu cicaro ca mbere, ninawe yamenyereza umugwi wa FC Média uhurikiyemwo abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi.

Related posts

Abaririmvyi bahamagariwe kuja mu bikorwa rusangi ku kibuga Itwari.

Buja Media

AFCON 2023: Intamba Mu Rugamba bafashe urugendo rubashikana muri Tanzaniya.

Yvan Manager

Umwihwezo wuko ihiganwa ryaringiye muri Primus League Burundi 2022-2023.

Yvan Manager

Leave a Comment