Mumahanga

RDC: M23 wemeye guhagarika intambara..

Umuhari M23 urwanira mu gihugu ca Congo, waremereye ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Angola guhagarika intambara kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Ntwarante 2023 mu biganiro bagiranye ubuheruka.

Antonio Guterres umunyamabanga mukuru w’ishiharamwe mpuza makungu ONU, yasavye umuhari M23 guhagarika intamba mu duce twose wigaruriye. Ni murwego rwo gushira mu ngiro ingingo y’inama yabereye i Luanda muri Angola mu mpera z’umwaka uheze, igenekerezo rya 23 Munyonyo 2022 . Antonio Guterres arashima uruhara umukuru w’igihugu ca Angola Joao Lourenco ariko arerekana mu gushaka amahoro, yasavye kandi imihari yose niyavuye mu bindi bihugu gushira intwaro hasi kuko basanze abenegihugu bakorerwa ihohoterwa rikomeye.

Stephane Dujarric, umuvugizi w’ ishirahamwe mpunzamakugu ONU.

Stephane Dujarric avugira ishirahamwe mpunzamakugu ONU yasavye ko impande zose zihanganye zokubaha agateka kazina muntu hagashirwaho uburyo budasazwe bwo kurinda abenegihugu. Imihari yose iriko irarwanira mu gihugu ca Congo harimwo na M23, bayihaye igihe kitazorenga co kuzoba yarashinze hasi ibirwanisho bitazorenza igenekerezo rya 30 Ntwarante 2023. Intamabara zibandanya ziba gishika uyu musi mi duce dutandukanye muri Misisi na Rutshuru.

 

Related posts

Mark Joseph Carney ninde, yabaye umushikiranganji wa mbere muri Canada.

Buja Media

Joe Biden yasavye ibindi bihugu bacuditse kubandanya bafasha Ukraine.

Buja Media

Mamelodi Sundowns izotanga ihadabu ya 100.000 $ kubera abakunzi bayo bashamiranye.

Buja Media

Leave a Comment