Inkino

Volley-Ball: Rukinzo, ASB, PTT na Muzinga muri Final.

Kuri uno musi niho hakinwa  inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ ihiganwa ryugurura uyu mwaka 2022-2023, ku ruhande rw’ abahungu n’abakobwa, uko bagiye baratsindanya n’ uku gukurikira:

 

-Rukinzo yatsinze Bisoro:  3 set 1

-ASB itsinda BUN 3 set 0

Ku ruhande  rw’abigeme, yagiye irarushanwa,uku gukurikira:

-Muzinga yatsinze EGIA 3 set 0

-PTT yatsinze GLC 3 set 1

BUN iriko irakina na ASB

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 05 Ntwarante, hazokinwa inkino zanyuma aho umugwi wa Rukinzo uzoca uhura na ASB isaha indwi (13h), Muzinga ihura na PTT ku ruhande rw’abigeme isaha zitanu (11h).

Arthur Baziri amenyereza ASB, avugako biteguye gutahukana igikombe naho Rukinzo nabonyene biteguye bikwiye, ku ruhande rwa Bisoro, Charles Niyongabo ayimenyereza naho batakaje urukino afise icizere kubakinyi biwe ko mu nkino zizokurikira bazoba bamenyeranye.

 

Mwomenya yuko Rukinzo ki bagabo na Muzinga ku bigeme aribo bataherukanye ibikombe kurwego rw’ igihugu.

Related posts

Academia Deir: Abakinyi 8 bahagaritswe imyaka 5 n’ihadabu yi 10.000.000 ku mukinyi bahorwa gutigira.

Buja Media

Uburundi vs Seychelles: Urukino rufise vyinshi rusigura kuri Sangwa Patrick.

Buja Media

BAL2025: Boissy yatsinze amanota 111,aba umukinyi wa mbere atsinze menshi kurusha abandi.

Buja Media

Leave a Comment