Inkino

Handball: ‘’Dusavye abarwizatunga na reta bazodushigikire mu buryo’’.

Uwurongoye ishirahamwe rya Handball mu Burundi (FEBUHAND), Nikobamye Daulphin yakiranye n’umunezero kuba babashize mu mw’itsinda H mu nkino z’igikombe c’isi bagiye kujamwo, irya mbere kuva muri kahise Uburundi bubayeho mururwo rukino.

Abamenyeshamakuru ba BujaMedia, bamaze kubona iryo tsinda, barondeye uwurongoye ishirahamwe ‘’ Twakiriye neza kuduhuza nivyo bihugu, tuzoshobora gukina kuko bose baza bafise inguvu zo gutsinda, ntabwoba baduteye kuko twataguye kubakurikirana uko bakina kuri Youtube. Twebwe twarataguye kwitegura ku bikorwa vy’ubuhinga,atagihindutse tuzokina inkino za kivandimwe igenekerezo rya 1 ndamukiza 2023 n’Urwanda n’izindi tuzobamenyesha’’

Ku bijanye n’uburyo bikunda kugora amashirahamwe nubwo baronse bakaburonka umwanya wanyuma hariho ibimaze kwononekara, Daulphin Nikobamye: ‘’Duteye akamo abakunzi, abarwizatunga na reta kuzodufasha mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga FEBUHAND itoshobora kwishoboza yonyene kugira tuje guhangana nivyo bihugu vyo ku mugabane w’Aburaya’’.

Umurwi wa Brothers Team.

Ivyo biruko mu gihe FEBUHAND yaheruka gusozera inkino zo kurwego rw’ igihugu, umurwi Brothers na Sisters aribo batsinze.

Related posts

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Yvan Manager

Uburundi vs Seychelles: Urukino rufise vyinshi rusigura kuri Sangwa Patrick.

Yvan Manager

Brésil : Carlo Ancelotti yagize urutonde rw’abakinyi azokwifashisha bategura igikombe c’isi 2026, Neymar atarimwo.

Yvan Manager

Leave a Comment