Inkino

Mosso Sugar ifise amahirwe ya 90% yo kuduga muri Primus Ligue Burundi.

Umurwi wa Mosso Sugar wo mu cicaro ca 2 ufise amahirwe menshi yo kuronka uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca mbere ”Primus Ligue’ Burundi ‘ hasigaye inkino 2 kugira ihiganwa rirangire inyuma yo gutsinda (3-2) New force academie ku kibuga Umuco co mu ntara ya Muyinga.

Mosso Sugar yo mu ntara ya Rutana iri mu kibanza ca 1 ku manota 29. Iya kabiri ni Lumiere Ngozi ifise amanita 21 mu nkino 11, hasigaye inkino 3 itarakina mu gihe Lumiere Ngozi yotakaza urukino rumwe murizo 3, Mosso Sugar izoba igiye muri ”Primus Ligue Burundi”. Mosso Sugar yaheruka gutsinda (2-0) Garage Express babasanze  ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega .

Mwomenye ko Tigre Noir wo mu ntara ya Ruyigi ariwo murwi wonyene muri  3 yaduze mu cicaro ca mbere mu mwaka uheze.

Related posts

Muso Sugar muri Primus League Burundi.

Buja Media

Abakunzi b’Intamba bagize ico bavuga inyuma yo gutsindwa na Cameroun.

Yvan Manager

Lumitel Women’s Leage: Indwi ya 14

Buja Media

Leave a Comment