Inkino

Mosso Sugar ifise amahirwe ya 90% yo kuduga muri Primus Ligue Burundi.

Umurwi wa Mosso Sugar wo mu cicaro ca 2 ufise amahirwe menshi yo kuronka uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca mbere ”Primus Ligue’ Burundi ‘ hasigaye inkino 2 kugira ihiganwa rirangire inyuma yo gutsinda (3-2) New force academie ku kibuga Umuco co mu ntara ya Muyinga.

Mosso Sugar yo mu ntara ya Rutana iri mu kibanza ca 1 ku manota 29. Iya kabiri ni Lumiere Ngozi ifise amanita 21 mu nkino 11, hasigaye inkino 3 itarakina mu gihe Lumiere Ngozi yotakaza urukino rumwe murizo 3, Mosso Sugar izoba igiye muri ”Primus Ligue Burundi”. Mosso Sugar yaheruka gutsinda (2-0) Garage Express babasanze  ku kibuga Ingoma mu ntara ya Gitega .

Mwomenye ko Tigre Noir wo mu ntara ya Ruyigi ariwo murwi wonyene muri  3 yaduze mu cicaro ca mbere mu mwaka uheze.

Related posts

Imirwi 4 yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri.

Buja Media

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Buja Media

Uburundi vs Seychelles: Urukino rufise vyinshi rusigura kuri Sangwa Patrick.

Buja Media

Leave a Comment