Inkino

Badminton : ABAMENYEREZA 10 BATAGUYE IVYIGWA KU RUGERO RWA 1 BWF.

 

Ku bamenyereza b’urukino rwa Badminton barataguye ivyigwa igenekerezo rya 27 ruhuhuma ikazomara imisi 10, bizoragira igenekerezo rya 06 Ntwarane, izo nyigisho zariko zibera mw’ishure ry’umwuga mu Kigobe bafashizwemwo n’ihuriro ry’amashirahamwe y’abanonotsi bo mu Burundi barikumwe n’ishirahamwe rya Badminton mu Burundi. Ivyo vyigwa bariko babifashwamwo n’umuhinga Bokpe N. Bernadin ava mu gihugu ca Benin.

Nkuko uruganda rw’ibiganiro barondeye Francois Ndondo ABÉDI awatwara iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu  bavuganye ikibiriraho mu kiganiro c’inkino BSPORT co kuri radio Buja FM yuko abo bamenyereza bazohamenyera ibitari bike kandi yuko bagerageje kwubahiriza ibice 30 vy’abakenyezi nkuko babisabwa mu nkino narirya bazoba baronse amahirwe yokuba bitumwako muri kano karere abazoshobora gutorwa inyuma yo gutora ikibazo tuzobaha. Francois Ndondo arashimira intambwe Badminton igeze ngaha mu gihugu ariko bipfuza yuko kurondera imirwi myinshi hagati mu gihugu kugira bazotegure ihiganwa ku rwego rw’igihugu muri mukakaro 2023.

Umuhinga ariko arigisha abamenyereza

Ndondo ABÉDI arashima abantu bose bakoze ibishoboka vyose kugira bikunde ivyo vyirwa bibe ngo ntaho intambamyi z’ibibuga zitabuze.

 

 

Related posts

Man City: Amafoto y’ibihe bikuru bikuru yagaragaje umunezero inyuma yo gutsinda Real Madrid.

Yvan Manager

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Yvan Manager

Youssouf Nyange : Igitsindo ca mbere mu gihugu c’ Ubufaransa.

Yvan Manager

Leave a Comment