InderoMuburundi

UE BAZOTANGA 20.000.000€ MU GISATA C’INYIGISHO SHINGIRO.

Ivyo vyashikirijwe n’uwuserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi mu Claude Bochou, kuri uyu wa 27 Ruhuhuma 2023 mu rugendo rwiwe yagize mu ntara ya Gitega. Uwo aserukira ubumwe bwa Buraya avuga ko mu migambi y’ubumwe bwa Bulaya harimwo ivyo guteza imbere indero , akavuga rero ko izo miliyoni 20 z’amadorare azoba aje muri iyo ntumbero.

 

Claude Bochu yaciye yifadikanya na buramatari w’intara ya Gitega,Vénant Manirambona hamwe n’umunyamabanga ntayegayezwa wo mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda Pontien Hatungimana aho baciye berekeza muri Komine Gitega ngo barabe ibikorwa bimaze kuranguka mu mugambi UMMU (Umwana Mu Muryango) usanzwe ufashwe mu mugongo n’ubumwe bwa buraya biciye muri IRC. Abo banyacubahiro bakaba baboneyeho n’akaryo ko kuyaga ivyereke imigambi y’Ubumwe bwa Buraya mu gisata c’urwaruka.

Umuyobozi wa IRC Paolo Lubrano yamenyesheje ko abana bashika 44844 bo mu ntara ya Gitega na Muyinga baronse ubwisanzure mu miryango biciye mu mugambi UMMU. Ni mugihe abana bashika 406 ari impfuvyi hakaba na 41 bo mw’ibarabara i Gitega ngo kuri iyo mvo imiryango 493 yararonkejwe imfashanyo y’amafranga.

Related posts

Uburundi bwakiriye ihiganwa rya ”Jeu d’Echecs” ku rwego rw’Afrika ku ncuro ya kabiri.

Yvan Manager

Ibiharuro mfatakibanza vya rusansuma y’abarundi ni 12.332.788 vyemezwa na reta.

Yvan Manager

Inkino, akaranga n’ikiyango, vyarahuje abarundi bava mu bihugu 9.

Yvan Manager

Leave a Comment