IbigezwehoMumahanga

Mark Carney umushikiranganji wa mbere mushasha wa Canada yatowe ku majwi 85,9.

Mark Carney yatowe kuwa 9 Ntwarante ku masaha yo ku mugoroba, ashizwe imbere n’umugambwe wiwe waba Libéraux wo murico gihugu ni mugihe asubiriye Justin Trudeau yaheruka gutanga imihoho muri Nzero uyu mwaka wi 2025. Ikibazo abantu benshi bafitiye ubwoba n’ukumenya yuko azoshobora guhangana na Donald Trump aheruka nawe gutorwa arongore reta zunze ubumwe za Amerika. Carney afise imyaka 59 y’amavuko, yatowe ku majwi 85.9 kw’ijana. Mark Carney  yarwanira ico kibanza n’abakandida batatu. Mu mategeko yico gihugu uwutwaye umugambwe waba Libéraux niwe acaba umushikiranganji wa mbere.

Murayo matora Mark Carney yatsinze bose hamwe bari 4, nivyo bamaze:

Mark Carney yaratwaye i Banki nkuru ya Canada kuva 2008 gushika mu 2013 yongera kuba umunyamahanga wa mbere muri kahise yatwaye i Banki nkuru y’Ubwongereza ni mu mwaka wi 2013 gushika 2020. Yarashoboye guhangana n’ikibazo c’amakori Donald Trump yashize imbere bitewe n’ubunararibonye bwiwe mu bibazo bijanye n’ubutunzi bwico gihugu. Kuva mu mwaka wa 2020, yagiriye inama Justin Trudeau ku bibazo bvy’ubutunzi, muri Nzero 2024, yabaye umuhanuzi adasanzwe akaba n’umuyobozi w’abakozi ba Liberal kubijanye n’ibibazo vy’iterambere n’ubutunzi.

Chrystia Freeland s'exprime lors d'une conférence de presse.

Chrystia Freeland yahoze atwara ibanki nkuru ya Canada asubira gutwara ubushikiranganji bw’ubutunzi  afise imyaka 56. Chrystia Freeland yavukiye muri Peace River, Alberta, yarabaye umu menyeshamakuru imbere yo kwinjira muri poritiki. Afise amamuko muri Ukraine, afise impamyabushobozi(Diplôme) muri kahise k’ibitabo vy’Uburusiya yakuye muri Kaminuza ya Harvard, ndetse n’impamyabushobozi irengeye mu bushakashatsi bwa Slavic muri Kaminuza ya Oxford. Gushika ubu n’umwe muri ntwaro nyobozi  muri Kaminuza ya Rosedale.

Karina Gould en point de presse à l'extérieur devant un drapeau du Canada. Karina Gould afise imyaka 37, yatorewe kuba umunyaporitiki mu 2015, yabaye umwe mu bagize reta ya Trudeau kuva mu 2017. Yabaye umushikiranganji wa mbere w’inzego za demokarasi, nyuma akaba ari we ushinzwe iterambere mpuzamahanga. Umushikiranganji w’Imiryango hagati ya 2021 na 2023, yaratwaye umugambi wo kwita ku bana ku giciro gito mu gihugu hose. Kuva mu mwaka wa 2023, yabaye umuyobozi wa reta mu nama nshingamategeko.

Un portrait de Frank Baylis.

Frank Baylis, afise imyaka 62, yahoze ari umushingamateka wa Pierrefonds-Dollard ni kandi niwe atwara Baylis Medical Tech, yagurishije sosiyete yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika Boston Scientific kuri miliyari $1.75 mu 2022.

Ivyo biruko mu gihe Mark Carney yakuriye i Edmonton. Yize muri Kaminuza ya Harvard, hanyuma muri Kaminuza ya Oxford mu Bwongereza. Yatanguye gukora nk’umudandaza muri Goldman Sachs i New York imyaka 13 imbere yo gusubira muri Canada kugira ngo atangure umwanya wo hejuru mubushikiranganji w’ubutunzi.

 

 

 

Related posts

Sarah Wilkinson, yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo yirongora wenyene.

Yvan Manager

Joe Biden yagiye muri Israel haturika igisasu gihitana abashika 500.

Yvan Manager

Moise Katumbi agiye kwitoza nk’uwuserukira iyindi migambwe yabatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Yvan Manager

Leave a Comment