Vyashijirijwe na w’igiporisi i Gitega, Colonel de police Emmanuel Manariyo.
Ayo masanganya ni ayo mu mabarabara, akaba ariko arateza impungenge mu ntara ya Gitega. Yabaye kuva itari imwe z’ukwezi kw’indwi gushika itariki imwe z’ukwezi kw’icumi.
Colonel Manariyo Asigura ko umuvuduko munini w’abatwara imiduga ari kimwe mu bikuru bikuru bituma ayo masanganya aba menshi. Colonel Manariyo agasaba abatwara imiduga kugabanya umuvuduko, kwubahiriza umuvuduko utegekanijwe n’amategeko kugira ngo ubuzima bw’abantu bukingirwe.
