AmagaraImibano

Kayanza : Ubukene bw’ibitoro nibwo butuma umucafu udakugwa aho watawe

Kw’isoko nkuru ya Kayanza hari ibikono 7 vyo gutamwo ibisigarira vy’ibifungurwa n’ibindi bicuruzwa. Ivyo bikono vyaruzuye imicafu gushika aho imicafu isanzara hirya no hino y’ivyo bikono
‎
‎Abadandaza imisoma, imyumbati mibisi, imihwi n’ibindi bicuruzwa vyanze hasi baridoga ko haciye hafi indwi zitatu hari umunuko ubangamira abatari bake
‎
‎Abo bakorera mw’isoko nkuru ya Kayanza twayaze kuri uyu wa 3 Gitugutu 2026 bafise amakenga ko aho imvura izobera nyinshi hazokwanduka ingwara, kuko n’ubu urusazi ruguma ruduma
‎
‎Abajejwe isuku w’intwaro muri komine Kayanza bavuga ko habaye ikena ry’ibitoro bikoreshwa n’imodoka ziseha uwo mucafu
‎
‎Abajejwe intwaro bakavuga ko bariko barondera ibitoro mu buryo bwihuta kugirango batunganye aho hose hari ivyo bikono hamwe n’ahandi hose hoba hari umucafu

Related posts

”Umunsi mpunzamakungu wahariwe abapfakazi wohimbazwa ku mugaragaro nk’iyindi minsi”. Octavie atwara AVR.

Buja Media

Amaziko ya Papa Fransisko azoba kuwa 26 Ndamukiza muri Bazilika ya Mariya mweranda.

Buja Media

UMUKENYEZI YAGIZE URUHARA MUKUGARUKANA AMAHORO.

Buja Media

Leave a Comment