Gabriel Banzawitonde niwe yashizwe imbere ngo azoserukira umugambwe APDR-Abanyamahoro mu matora y’Umukuru w’Igihugu ategekanijwe mu 2027
Kuri uyu wa 28 Ruheshi 2026, Ikoraniro Kaminuza ry’umugambwe APDR , ryemeje Banzawitonde nk’umukandida azowuserukira muri ayo matora.
Inyuma yo gutorwa, yasavye abasirikare n’abapolisi kwitegurira kumucungera umutekano mu gihe yoba atsinze amatora ategekanijwe muri Rusama 2027.
Yavuze ko adatewe ubwoba no guhangana n’umukandida wa CNDD-FDD, aca ashira ahabona umugambi yise Inyagaze, ugamije guhamagarira abanywanyi, incuti n’abagenzi ba APDR gutanga intererano zizofasha uwo mugambwe kwitegurira amatora neza, ata hungabana ry’uburyo. Yavuze ko uwo mugambwe ufise incuti n’abakunzi benshi ariko usanga badakunda kuboneka ariyo mpamvu bazobasanga aho bari ngo baterere mu mugambi yise Inyagaze, nkuko babikoze k’umugambi “Cengetos”.

Gabriel Banzawitonde yashimiye abamugiriye icizere bakamutora, yongera abizeza ko bazokorana kugira bashikire intsinzi mu matora yo mu 2027.
Yabwiye kandi Abarundi ko APDR izi neza ingorane zugarije igihugu n’abanyagihugu, yemeza ko mu minsi iri imbere azoshikiriza imigambi ifashe kandi ishobora gutanga inyishu ku bibazo vyabo, kugira igihugu gishobore gushika ku majambere arama.
Womenyako gushika ubu hamaze kumenyekana abakandida babiri bazitoza mu matora y’umukuru w’igihugu ya 2027. Abo nabo ni Evariste Ndayishimiye wa CNDD-FDD hamwe na Gabriel Banzawitonde wa APDR-Abanyamahoro.
