IbigezwehoInkinoMumahanga

Ibintu 10 bihambaye ukwiye kumenya kugikombe c’isi ca 2026

Igikombe c’Isi ca FIFA ca 2026 ni co gikorwa c’in kino kirindiranywe igishika muri iyi misi mike irimbere, Kubera uburyo bushasha kizokinwamwo, imigwi 48 izokwitabira hamwe n’uko kizotegurwa n’ibihugu bitatu. Iki gikombe c’isi kizokwandika amateka mashasha. Raba ibintu 10 bihambaye ukwiye kumenya ku Gikombe c’Isi 2026:

1. Igikombe c’Isi ca 2026 kizotegurwa n’ibihugu bitatu

Nibwo bwa mbere mu mateka na kahise ka FIFA, iki gikombe c’isi kizotegurwa n’ibihugu bitatu ari vyo: Reta zunze ubumwe za Amerika, Canada na Mexico. Ubu bufatanye budasanzwe buzotuma amamiliyoni y’abakunzi b’umupira bakirwa mu bisagara bitandukanye vy’uwo mugabane wa Amerika ya Ruguru.

2. Integuro nshasha y’ imigwi 48

Igitigiri c’imigwi nserukira gihugu izokwitabira yaravuye  kuri 32 ija kuri 48. Iyi mpinyanyuro ngo ifise intumbero yo guha amahirwe menshi ibihugu vyinshi kugira bishobore kwitabira iri ihiganwa, Niko FIFA, ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rw’umupira w’amaguru kw’isi ribisigura.

3. Hazoba inkino 104

Kubera ko hiyongereyemwo imigwi 16, igitigiri c’inkino kizoshika kuri 104. Abakunzi b’umupira bazoronka akaryo ko gukurikira inkino nyinshi mu gihe kire kire haba  abazoba bari indani mubihugu no hanze yavyo.

4. Uburyo bushasha bwo guhiganwa

Imigwi 48 yaramaze gushirwa mumice 12, buri muce ugizwe n’amakipe ane. Abiri ya mbere muri buri muce hamwe n’amakipe umunani ya gatatu yigenje neza kurusha ayandi ni yo azobandanya mu nkino zo gukuranamwo za kimwe ca cumi na gatandatu gishira icanyuma (¹/16). Ubu buryo ngo buzotuma haba ihangana gusumba uko vyahora

5. N’Igikombe c’Isi kizomara igihe kirekire kuruta ibindi vya gitanguriye

Ihiganwa rizotangura ku wa 11 Ruheshi 2026 rirangire ku wa 19 Mukakaro 2026, ni ukuvuga hafi indwi zitandatu zose z’umupira wo ku rwego rwo hejuru.

6. Mexique izoshiraho agahigo gashasha

Inyuma yo kwakira Igikombe c’Isi mu 1970 no mu 1986, Mexico izoba igihugu ca mbere gishoboye kwakira Igikombe c’Isi c’abagabo incuro zitatu. Nayo Ikibuga rurangiranwa ca Estadio Azteca kizokwongera kuba mu bibanza bikurikirwa cane kw’isi yose.

7. Urukino rwa nyuma ruzobera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Urukino rwa nyuma rw’Igikombe c’Isi ca 2026 ruzobera i New York City, kimwe mubisagara vyambere kw’isi. Abantu amamiliyoni n’amamiliyoni bazokurikirana uwo musi w’amateka.

8. Afrika yaserukiwe n’ibihugu vyishi kurusha uko vyahora

Kwongereza imigwi ikina gushika kuri 48 vyaciye bifasha cane umugabane wa Afrika. Uyu mugabane waramaze kuronka imyanya myinshi kuruta uko vyahora, ivyo bikongera amahirwe yo kubona imigwi myinshi y’Afrika ishika kure muri iri higanwa. Iyi mpinduka irindiriwe cane n’abakunzi b’umupira bo muri Afrika, biteze kuraba nimba Koko hari gihugu co muri Afrika cotahukana irihiganwa. Ibihugu icenda vyari  vyaronse uburenganzira haramaze kwiyongerako na RDC igira 10.

9. Inyungu z’ubutunzi zizoba nyinshi cane

Bivugwa ko Igikombe c’Isi ca 2026 kizokwinjiza amamiliyaridi y’amadorari biciye muri bamukerarugendo, ibikorwa remezo, uburenganzira bwo gutangaza inkino kumboneshakure hamwe n’ibindi bikorwa vy’ubudandaji. Ibibanza bizokwakira inkino vyiteze inyungu zikomeye mu butunzi.

10. Igikorwa c’umupira kinini kuruta ibindi vyose

Nta na rimwe Igikombe c’Isi kirahuriza hamwe imigwi myinshi gutya, inkino nyinshi gutya, ibisagara vyinshi gutya canke abakunzi b’umupira benshi gutya. Bizoba rero ari nk’imboneka rimwe

Igikombe c’Isi ca 2026 n’intambwe nshasha mu gutera imbere kw’umupira w’amaguru kw’isi yose kandi gishobora kuzoba ari co gikombe kitazokwibagiranwa mu mateka.

Related posts

Uburundi bwatakaje urukino imbere ya Côté d’Ivoire.

Buja Media

Ihiganwa ry’Afrika: ‘’Imyiteguro iriko igende neza kandi igeze kure’’.

Buja Media

Cecafa Champions League: Buja Queen’s mu 1/2 finale.

Buja Media

Leave a Comment