Ibiro 100 vy’umuceri, 100 vy’ibiharage hamwe n’ibiro 50 vy’isukari ni bimwe umurwi w’abarorerezi bari muri Cellule Centre batwaye kuruyu w’Imana mw’irerero ry’abana b’impfumvyi yo mw’Ijabe mu ntumero yo gusagira Noel nabo bana muriki gihe hasigaye iminsi mike iryo himbazwa ry’ivuka rigere. Nimbona Dieudonne atwara uwo murwi yameneyesheje ko batwaye ibintu bifise agaciro k’imiliyoni 3 n’igice.
Ico gikorwa cari citabwe n’abakunzi buwo murwi bavuye ahatandakanye bambaye imipira y’abarorerezi buwo murwi batwaye ivyo bintu harimwo ibiribwa hamze n’ibitaribwa baseruka kurabo bana bafise amikora make barerewe murico kigo c’abana. Inyuma yico gikorwa baciye baja gukina urukino rwabahuje Cellule Centre hamwe na Cellule Sud irikumwe na Cellule Nord. Cellule Nord yatahukanye itsinzi imbere y’abatari bake bari baje kurorera urwo rukino. Inyuma y’urukino baciye basubira guhurira aho bari bateguye kugira basangire ndets batange n’ubushimwe kuri abatandukanye bashoboye kurusha abandi muri urwo rukino.

Kubwa Dieudonne Nimbona atwara Cellule Centre yatumenyeshejo ko bakoze ico gikorwa kugira bifatanye n’abandi bana bari mubihe bitameze neza gusagira Noel muri kino gihe yashikirije ko batanze ibintu bifise agaciro k’imiliyoni 3 n’igice. Ico gikorwa cogufasha bipfuza ko boza babikora uko boshobojwe n’uburyo.
Ivyo biruko mu gihe abari muruwo murwi atari irya mbere bakoze ibikorwa vyokuja kuraba abana bari mu kigo c’abana b’impfumvyi kuko mu 2021 bagendeye mu gihe nk’iki nyene irerero riri muri komine Ngozi irongowe na Pasteur Denise Nkurunziza babashiriye ibintu nkivyo nyene.
