Zidafise Umuce

Burundi-Ouganda Alumni Event: Ihuriro ry’abanyeshure bize mu Buganda bo mu Burundi.

Ubuserukizi bw’Ubuganda mu Burundi bugiye guhuza abarundi bize murico gihugu kugira bayaga bace hirya no hino ubuzima uyu munsi babayemwo bw’akazi kubera bafise vyinshi bahuriyejo kuba barize murico gihugu. Ico gikorwa bayinse Burundi-Ouganda Alumni Event ikazoza iraba rimwe mu mwaka. Intumbero nyamukuru nuko bobona habaye umurwi wobahuza w’ abanyeshure bizeyo kuko hari vyinshi vyobagirira akamaro bagiye hamwe. Iryo huriro rizoba kuwa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2025 ahakorera ubwo buserukizi, kazoba akaryo ko kuganira hagati yabo kugira bibutsanye iki na kiriya bibuka baciga mu gihugu c’Ubuganda. Iryo huriro kuribo rishobira gufashanya bamwe bari mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’akazi ivyo bikazotuma hari vyinshi bazohamenyera. Ivyo birori bizotagura isaha cumi n’imwe gushika isaha zitatu z’ijoro. Mu rutonde rwuwo munsi bahejeje kuganira no guca hirya no hino hazoba hari n’umurwi w’abazobateramisha mu kubaririmbira imiziki itandukanye batibagiye n’imwe yo murico gihugu kugira bibukanye mu myaka ya kahise bakihiga. Murivyo birori kazoba n’akaryo keza ko guhimiriza abavyeyi canke abandi bazoba bavyitavye kugira bababwire ivyiza biri murico gihugu mu bijanye n’igisata c’indero. Umuhanuzi murubwo buserukizi atera akamo ko kubimenyesha benshi bashoboka kugira bazoshobore kuhaba bakipfuza kiryo huriro ryoza riraba kuwa gatanu ugira kabiri w’ukwezi kwa kigarama buri mwaka.

Related posts

Gasape agiye gushiraho ikarata simu ifise interinete y’umuvuduko munini.

Yvan Manager

USA: Urupfu rwa Mia Love, umwirabura wa mbere yatowe mu mugambwe waba républicain.

Yvan Manager

Impusha z’amashirahamwe yo kwunguruza abantu mu miduga zirahagaritswe.

Buja Media

Leave a Comment