Evariste Ndayishimiye ariko aragirana ikiyago n’abaserukira ibinyamakuru bikorera mu Burundi kuruyu wa mbere igenekerezo rya 01 Kigarama 2025 mu kirimba kwa Ntare Rushatsi ahakorera Umukuru w’Igihugu. Amakuru dukesha bimwe mu bimenyeshamakuru vyitavye ubwo butumire yishuye ibibazo bitandukanye harimwo ikibazo c’umuvuduko muke wa Interinete. Varisito abonako ”gifatiye kuri “monopole”, aho usanga hari ishirahamwe rimwe ritanga iyo seruvisi”, ivyo yita “ubugunge”.
Muri co kiganiro cataguye isaha zibiri zo mu gatondo kikaza guhera isaha icenda habonetsemwo bamwe mubatwara ibinyamakuru bitandukanye harimwo n’aboshi ( Influenceurs ) , bakorera ku mbuga ngurukana bumenyi nka NellyNat Burundi, Simbizi Wa Semavumba, Landrypromoter Bdi, Cheval, Chazel n’abandi,abo n’abo nyene bakaba baje kugirango baterere ivyiyumviro vy’ukungene igisata bakoreramwo cohinyanyurwa kugirango giterere mw’iterambere ry’igihugu. Kurico kibazo, Umukuru w’Igihugu asaba ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru kuraba ukuntu hojaho ibibanza rusangi aho abantu boronka “connexion” ya gusa. Abona ko ivyo bibanza vyoba nko kuri Jardin Public na Place de l’Indépendance.

Varisito Ndayishimiye yavuze ko ico kiyago catunganijwe inyuma y’aho yari agize imisi agendera abanyagihugu mu ntumbero yo kuyaga ivy’igihugu: “Ubu rero dushaka kuyaga namwe kuko twayaze hariho ivyo mutahura kare, hamwe n’uwugize ico ashikiriza mumubwira ati ivyo uvuga n’ivyo canke uriko urahuguza.”
