MuburundiPolitike

Umukuru w’Igihugu yashikirije musitanteri mushasha wa Komine Matongo.

Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye yashikirije musitanteri mushasha wa Komine Matongo kuruyu wa Gtatu igenekerezo rya 5 Munyonyo 2025 ku kibuga Kavumu imbere y’abategetsi batandukanye bo muriyo ntara ya Butanyerera hamwe n’abenegihugu. Umukuru w’Igihugu yamusavye yamusavye kutaguma mu biro, ahubwo kuzaraja Kuri terrain akegera abenegihugu abasanze kukivi, kandi agafata mu minwe imigambi y’iterambere iganisha kuri ya mbono-kazoza y’igihugu c’Uburundi.
Musitanteri Janvière KANYANA yashimiye Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ku bwizigirwa yamugiriye, yongera yiyemeza gukorera abenegihugu bose atavanguye, no guteza imbere Komine Matongo mu buryo buboneka. Buramatari w’intara ya Butanyerera,  Victor SEGASAGO, yamenyesheje ko intara arongoye itekanye. Yashikirije ko Komine Matongo, irimwo ubutare, ibiterwa njabukamazi nk’icayi, hamwe n’imigambi itandukanye iriko irarangurwa nk’inyubako z’amashure, amavuriro, n’ibiro vya komine bizoba bigeretse kane n’ibindi.

First image shows a man in light shirt and tie holding a red microphone speaking at a podium under a canopy with blurred audience background. Second image depicts a group of formally dressed men and women including one in floral dress seated on chairs facing a large crowd under tents with Burundi flags. Third image features several men in white shirts and caps sitting on chairs with a crowd behind them on grass. Fourth image captures a large diverse crowd of people in colorful traditional attire standing outdoors under tents with some holding umbrellas.
Varisito Ndayishimiye Umukuru w’Igihugu ashikiza Musitanteri.
Umukuru w’igihugu yasavye Musitanteri mushasha gusanga ku kivi abenegihugu, aca amwibutsa ko
Indongozi itegerezwa kurondera icotuma abenegihugu bunguka mu kubacira inzira no kubatunganiriza. Yamwihanikirije ko atokwitwara nk’indongozi za kera kuko batasanga ku kivi abenegihugu, nyabuna ko ategerezwa kuba umuvyeyi, umuhuza atarenganya, ku buryo abenegihugu bamubonye baca bagira akanyamuneza, yibukije ko Komine Matongo ariyo yabaye iya mbere mu gushira amatongo hamwe, ivyatumye umwimbu w’abarimyi wiyongera cane. Yaboneyeho akaryo ko gusaba abenegihugu kwiha amahangiro y’iterambere, kurwanya ubunebwe n’ama ligala, kubumbatira amahoro n’umutekano, n’ukugiriranira ubumwe mu bikorwa vyose.
Abenegihugu bari murivyo birori.
Umukuru w’Igihugu yakeje abanyamatongo ko bari ku murongo kandi bumvira indongozi, na cane cane ku kijanye no gushira hamwe amatongo no guteza imbere igiterwa c’amavoka, agasaba ko abarundi bose bokwumvira indongozi kuko ari wo mushinge w’iterambere.
Varisito Ndayishimiye nk’ikimenyetso c’ugushigikira komine, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yaciye amenyesha ko azoterera isima yo gufasha ku nyubako y’ibiro vya Komine Matongo izoba igeretse 4 iriko yubakwa.

Related posts

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Buja Media

Umukuru w’umugambwe CODEBU yarekuwe amaze iminsi 4 mu Mpimba.

Yvan Manager

Seychelles ntiratsinda Uburundi na rimwe mu nkino 8 zose zabahuje.

Yvan Manager

Leave a Comment