InkinoMuburundi

Uburundi bwatakaje urukino imbere ya Côté d’Ivoire.

Intamba mu rugamba baratakaje urukino rwabo rugira 7 batsinzwe na Cote d’Ivoire ku gitsindo 1 ku busa batsinzwe ku munota wa 3 urukino rugitagura. Ugutakaza urwo rukino vyatumye baca baguma ku kibanza kigira gatatu ku manota 10. Cote d’Ivoire baracari mu kibanza ca mbere n’amanota Côte d’Ivoire  19 abagira kabiri ni Gabon kumanota 18,  iyigira kane ni Gambi ifise amanota 7, iya 5 ni Kenya ku manota 6 iyiza mu kibanza canyuma ni Seychelles atarukino narumwe baratsinda bafise amanota 0.

Urukino rwashoboye kuvugisha abantu benshi cane gose harimwo abahoze bakinira umurwi nserukiragihugu nka Valery Nahayo yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram maze atanga ubutumwa butahimbaye abatari bake ndetse butuma aba na bariya bava mu gacerere basa nk’abishura ubwo butumwaBimwe mu biri mu butumwa uwo mukinyi yacishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram yashikirije ko abakinyi batitanga bikwiye nk’abitangira igihugu, ko hariho abakinyi badakwiye kuba bari mu mugwi nserukiragihugu. Yemeza neza ko umugwi wa Côté d’Ivoire udakomeye. Aho ni mu gihe Côté d’Ivoire ariyo iheruka gutwara igikombe ca CAN iheruka. Ndayishimiye Youssouf batazira Nyange, Arakaza Marc Arthur, umunyegori wa kera w’Intamba mu Rugamba, Aimé Nzohabonayo Coach Aimé Nzohabonayo yabaye kizigenza w’Intamba mu Rugamba yongera akinana na Valérie Nahayo ubu amenyereza umugwi wa Kayanza United, yaneguye cane iyo mvugo ya Nahayo ndetse yongera aramupfukura.

Aruna Feruzi yabaye umumenyereza wa Vital’O hamwe niyindi mirwi itandukanye.

Coach Feruzi Haruna asanzwe ari umumenyereza wa kabiri mu mugwi wa Rayon Sport nawe nyene yamirira kure iyo mvugo ya Valérie Nahayo, akabona ko Urukino Uburundi bwerekanye kuri Côté d’Ivoire harimwo ukwitanga kandi ko abakinyi bari mu nzira nziza cane kuko Côté d’Ivoire ari Igihugu gikomeye cane . Avuga nyabuna ko abakinyi bakwiye ubutumwa bwo kubatera intege. Bimenyimana Bonfils Caleb nawe nyene ntiyasigaye inyuma yagize ati : ” Trust the process, great things take time ; hold the Vision” bisigura : “Izere inzira urimwo, ibintu vyiza bisaba umwanya; nta gutakaza imbono”. Aho nawe nyene abona ko Uburundi buri mu nzira nziza kandi bisaba kwihangana kugira bugere ku kintu gikomeye.

Image
Umurundi Ndayishimiye Youssuf akira ku mugabane wa Buraya.

Umukinyi mpuzamakungu Ndayishimiye Youssouf batazira Nyange nawe nyene ntiyatebeje gushira ku rubuga rw’iwe rwa Instagram ubutumwa bugira buti ” we win together, we lose together” bisigura “dutsinze, dutsindira twese hamwe tugatsindirwa hamwe”.

Mwomenya ko Valérie Nahayo yahoze no muri staff y’umugwi nserukiragihugu w’Uburundi aza kuvamwo atanze imihoho .

Related posts

NANI MKHARI 2023: Young Sisters iratahukanye igikombe.

Buja Media

Abakunzi ba Dynamo bazohanwa kubera berekanye inyifato mbi yo kubiba urwanko.

Yvan Manager

Play Off 2025: William Perry mu murwi w’ Urunani BBC.

Yvan Manager

Leave a Comment