InkinoMuburundi

Dynamo BBC yatwaye Play Offs 2025.

Umurwi wa Dynamo watahukanye igikombe ca Play Offs cuno mwaka 2025 bahejeje gutsinda Urunani mu nkino 4 kuri 3 nkuko amategeko yiryo higanwa amenyesha ko bategerezwa gukina inkino 7 zose. Urukino rutari rworoshe kumenya uwuza gutsinda kuva muntango gushika ruhere kubera harimwo ubhinga ndetse n’inguvu nyinshi. Abakinyi bigejeje neza barabahaye ubushimwe ndetse n’umumenyereza yitwaye yavyifashemwo kurusha abandi yarashikiriwe. Dynamo izoca iserukira igihugu mu nkino za Road To Bal.

Urukino rwarimwo inguvu nyinshi abarorerezi batandakanye ku myaka bari benshi cane kugira bashobore kuraba urwo rukino rugira 7. Urukino ntivyari vyoroshe kumenya uko biza guhera kuburyo igice ca mbere caheze Dynamo irusha amanota 2 gusa Urunani kuri 29-27, Urukino rwaragiye Dynamo irusha ku manota 64-51 y’Urunani. Ibindi vyaryoheye abarorerezi nukubona abaririmvyi b’ibihangange hano iwacu nka Drama-T, Kirikou A-kili, B-Face On The Flow, Easy Boy ni bamwe mubishikiye kuraba urukino rwa nyuma,
mu gihe c’akaruhuko (Mi-temps), B-Face On The Flow na Kirikou baciye bikora mu gahogo bashushe abafana.

Etienne Tametong wa Dynamo BBC ni we mukinyi mwiza yarushije abandi bose muri PlayOffs 2025, amaze imyaka 2 akinira mw’ihiganwa ryo mu Burundi yatahanye ubushimwe 2: ak’ubu MVP no kuba yinjije amanota menshi kurusha abandi. Abandi baronse ubushimwe hariho Abarundi 2: Romis Bujeje w’Urunani BBC yatowe nk’umukinyi yateye imbere cane (Most Improved Player) na Patrick Nkurunziza wa Les Hippos yabaye umumenyereza mwiza kurusha abandi.Uwatowe nk’umukinyi yazibiye neza kurusha abandi (Best Defender) ni Chingka Garba wo muri Nigeria asanzwe akinira Dynamo.

Related posts

MissBurundi2025: Amazina y’abigeme 15 bazoja muri Finale yamaze kumenyekana.

Yvan Manager

Badminton : ABAMENYEREZA 10 BATAGUYE IVYIGWA KU RUGERO RWA 1 BWF.

Buja Media

Umwihwezo wuko ihiganwa ryaringiye muri Primus League Burundi 2022-2023.

Yvan Manager

Leave a Comment