InkinoMuburundi

“Abakinyi bose bameze neza, hasigaye akazi k’umumenyereza” Patrick avugira Intamba mu rugamba.

Intamba mu Rugamba zo mu gihugu c’Uburundi baza gutana mu mitwe n’umurwi w’igihugu ca Mauritaniya isaha cumi na zibiri z’umugoroba zo mu Burundi ku kibuga Larbi Zaouli y’i Casablanca muri Maroc yakira abantu 30.000 mu ntumebero y’inkino za kivandimwe uyu munsi igenekerezo rya 10 Ruheshi uyu mwaka. Uburundi bugira 140 ku rutonde rwa FIFA bafatiye ku bihugu biteye imbere mu mupira w’amaguru.
Patrick Harakandi, umuvugizi w’uwo mugwi, agira ati: “Imyimenyerezo yagenze neza. Abakinyi bose bameze neza. Hasigaye akazi k’umumenyereza” Gukina inkino za kivandimwe bizofasha cane abakinyi ndetse n’igihugu kuduza ikibanza ciza mu rutonde ngarukakwezi rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA rw’ibihugu biteye imbere muri urwo rukino. Dufatiye kuri kahise ka vuba, urutonde ngarukakwezi rwa FIFA rw’ibihugu biteye imbere mupira w’amaguru, Mauritania ifata ikibanza ca 110, ikaza imbere ibibanza 30 Uburundi bubarizwa mu kibanza ca 140. Naho biri ukwo, mu nkino 3 zimaze Uburundi na Mauritania kuva mu mwaka wa 2014, Uburundi bwatsinzwemwo 2 bunganya 1, vyumvikane ko Mauritania ata na rumwe yatsinze. Muri izo nkino, Uburundi bwinjije ibitsindo 7 nayo Mauritania yinjiza ibitsindo 4.
May be a graphic of text that says 'MACH AMICAL E BRAND BURUNDI MAURITANIE STADE LARBI ZAOULI -CASABLANCA XIENTRANT NAHIMANA JONATHAN CK 18 SAIDO BERAHINO 15 MOUSSA OMAR 20 BIENVENUE KANAKIMANA 19 MUDERI AKBAR 14 PARFAIT BIZOZA 6 IRUTINGABO MOSSI TRESOR 11 MOHAMED AMISSI 8 MOKONO ELIE ELDHINO 2 DUSHIME OLIVIER 28 BIMENYIMANA BONFILS CALEB REMPLACANTS HENRY, KEITA ISMAIL, DAN, SHASSIR, GIRUMUGISHA, NICOLAS, ABEDI, HEZWA, E, DERRICK, JEAN, # Intambazacu f NTAMBA RUGAMBA OFFCIEL EQJPLWATEMALIODIBAL.CUEBURUR FONALLE © URLNDINATIONA! TEAM'
Urutonde rw’abakinyi baza gukina rugiye ahabona.
Inguvu nyinshi ku Ntamba mu rugamba zihagaze hehe? 
Uburundi bushingira icizere c’intsinzi ku bakinyi nka kizigenza Saido Berahino, umukinyi wa kera wa WestBromwich Albion na Stoke City zikiri muri Premier League mu Bwongereza, Bonfils Caleb Bimenyimana akinira USM Alger yo muri Algerie, Jean Claude Girumugisha batazira Msauza akinira Al-Hilal yo muri Sudan, Abedi Bigirimana akinira Police FC yo mu Rwanda n’abandi kuko abakinyi nka Ndayishimiye Yousouf Nyange akinira OGC Nice yo mu Bufaransa, Jordi Liongola akinira RAAR La Louviere muri Belgique na Gaël Bigirimana, umukinyi wa kera wa Newcastle United yo muri Premier League mu Bwongereza atariho bari.
Ivyo biruko mu gihe urukino baheruka gukina mu ndwi iheza rwa kivandimwe nyene, Intamba mu Rugamba batsinze igitsindo 1 ku busa igihugu ca Guinée-Bissau.

Related posts

UE BAZOTANGA 20.000.000€ MU GISATA C’INYIGISHO SHINGIRO.

Buja Media

Ancelotti ava muri Real Madrid aja gutwara umugwi w’igihugu ca Brésil.

Yvan Manager

BURUNDI: Ntibucakiriye Namibia ku kibuga citiriwe Intwari

Buja Media

Leave a Comment