ImyidagaduroMumahanga

DJ Ira yahawe ubwenegihugu bwo mu Rwanda.

Dj Ira yahawe uyu munsi ubwenegihugu bw’Urwanda n’urwego rw’Igihugu rushinzwe abinjira n’abasohoka mu gihugu rwashinze ahabona amazina 36 yababisavye, murabo habonetsemwo izina Iradukunda Grace Divine benshi bamuzi nka DJ Ira yaheruka gusaba ubwenegihugu Umukuru w’ico gihugu mu kiganiro kidasazwe cahuje urwaruka 8000,hari kuwa 16 Ntwarante.
DJ Ira, yanditse kuri rubuga rwiwe rwa Facebook hari kuwa ku wa Mbere tariki 18 Ntwarante 2025, hataruzura amasaha 24 Umukuru w’Igihgu Paul Kagame amwemereye ubwenegihugu, yahamagawe n’abakozi bo mu biro bishinzwe abinjira n’abasohoka, maze bakamubwira ngo aze yuzuze ibisabwa. Dj Ira yanditse amenyesha yuko abari mu biro bijejwe ivyo bikorwa bamuhamagaye:  “𝐍𝐚𝐫𝐢 𝐦𝐮 𝐫𝐮𝐠𝐨 𝐧𝐝𝐚𝐡𝐚𝐦𝐚𝐠𝐚𝐫𝐰𝐚, 𝐛𝐚𝐦𝐛𝐚𝐳𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐳𝐢𝐧𝐚, 𝐛𝐚𝐧𝐬𝐚𝐛𝐚 𝐤𝐮𝐣𝐲𝐚 𝐤𝐮𝐫𝐢 𝐈𝐦𝐦𝐢𝐠𝐫𝐚𝐭𝐢𝐨𝐧, 𝐧𝐬𝐡𝐢𝐭𝐬𝐞𝐲𝐨, 𝐯𝐲𝐚𝐫𝐢 𝐢𝐛𝐢𝐧𝐭𝐮 𝐛𝐢𝐝𝐚𝐬𝐚𝐧𝐳𝐰𝐞 𝐧𝐚𝐡𝐚𝐛𝐨𝐧𝐲𝐞 𝐮𝐫𝐮𝐤𝐮𝐧𝐝𝐨 𝐤𝐮𝐯𝐚 𝐤𝐮 𝐦𝐮 𝐬𝐞𝐜𝐮𝐫𝐢𝐭𝐞, 𝐛𝐨𝐬𝐞 𝐛𝐚𝐭𝐢’𝐟𝐞𝐥𝐢𝐜𝐢𝐭𝐚𝐭𝐢𝐨𝐧 𝐃𝐣𝐞 𝐞𝐣𝐨 𝐭𝐰𝐚𝐫𝐚𝐤𝐮𝐛𝐨𝐧𝐲𝐞”.
Mwomenya yuko DJ Ira yashitse murico gihugu mu 2015, ashika agira ikiganza ciza murico gihugu mubijanye no kuvanga imiziki.

Related posts

Abasirikare ba SADC bagiye kuva mu Buseruko bwa Congo.

Yvan Manager

Ndirabika Augustin imboneza ku baririmvyi buno munsi.

Yvan Manager

Sarah Wilkinson, yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo yirongora wenyene.

Yvan Manager

Leave a Comment