Alain Mukuralinda bamusezeye ubwa nyuma uyu munsi kuwa 10 Ndamukiza kuri Paroisse katolika ya Rulindo, mu ntara y’Amajyaruguru, uwo mugenzo watagujweni misa yo gusezera irya nyuma umuhisi yahoze ari Icegera c’ Umuvugizi wa reta y’Urwanda yitavye Imana ku wa 4 Ndamukiza uyu mwaka, mu bitaro vyitiriwe Umwami Faisal, afise imyaka 55 akaba asize umugore n’ abana babiri. Antoine Cardinal Kambanda yamenyesheje mu nkuka ya misa ko umuntu yitavye Imana bibabaza mu gihe yarafise akamaro naho ubuzima burangirira ku rupfu.
Umugirwa wo gusezera irya nyuma wataguriye ahaba Kicukiro mu gisagara ca Kigali nyuma yo kuwuvana mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe Umwami Faysal i Kigali. Habonetsemwo abagize umuryango wiwe, amenyeshamakuru,  abashikiranganji batandukanye umushikirizamanza mukuru wa Repubulika y’u Rwanda, Havyarimana Angelique, Umuvugizi wa reta y’u Rwanda, Yolande Makolo, Umuvugizi wa polisi y’lgihugu, ACP Boniface Rutikanga, Umuyobozi Mukuru w’Urwego rw’lgihugu rw’Itangazamakuru, Barore Cleophas n’abandi.
Umwepiskopi wa Kigali, Antoine Cardinal Kambanda yagaragaje ko nubwo urupfu rubabaza iyo rutwaye umuntu w’akamaro nka Alain Mukuralinda, ubuzima butagarukira ku rupfu gusa, ati “Urupfu ruratubabaza iyo rudutwaye umuntu nk’uyu uri mu kigero nk’iki, wari ufatiye akamaro umuryango, bari bamwitezeko vyinshi ariko naho bitubabaza ubuzima buherezwa ku rupfu.”