InkinoMuburundi

“Gutsindira ihiganwa muhira n’indoto y’ubuzima bwanje” Sada atwaye igikombe muri ITW50.

Sada Nahimana yatahukanye igikombe ca mbere mw’ ihiganwa mpuzamakungu ITW50 iriko ibera i Bujumbura ahejeje kwirahira mu gutsinda umufaransakazi Émeline Dartron amaseti abiri ku busa (6-1, 6-1) mu kibuga Entente Sportive kuwa 30 Ntwarante. Mururwo rukino rwa nyuma rwatewe iteka n’abashikiranganji 3 harimwo Gervais Abayeho w’inkino, Albert w’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe na Chantal Nijimbere w’ubudandaji. Gervais Abayeho amenyesha ko ataco butazokora kugira bubandanye bwitwararika cane ibijanye n’ugushigikira inkono mu Burundi.
Gervais Abayeho umushikiranganji w’inkino, yakeje abitwaye neza kurusha abandi mu nkino zimaze indwi yose abasaba ko bobandanya batsimbataza ingabire zabo. Ku ruhande rw’ubushikiranganji arongoye, amenyesha ko ataco butazokora kugira bubandanye bwitwararika cane ibijanye n’ugushigikira inkono mu Burundi.
May be an image of 4 people and people playing tennis
Sada Nahimana umunezero uramwishe ahejeje gutsinda.
Sada Nahimana yashimiye cane umurwi ujejwe gutegura iryo higanwa ku kamaro kuri we, abatora imipira, abahagarikizi, nibindi. Ntiyibagiye abamushigikiye benshi baje kumuremesha nubwo yatsinzwe mu nkino zibiri ziheruka
May be an image of 7 people, crowd and text
Abakunzi ba Tennis bashigikiye Sada Nahimana.
Umurundikazi Sada Nahimana ari mukibanza ca 336 mu rutonde uko barushanwa kurwego rw’isi,. Iryo higanwa rigira 3 ribereye mu gihugu iwacu. Nkuko vyemezwa n’uwutwara iryo shirahamwe rya Tennis kurwego rw’igihugu aremeza yuko abakinyi 62 bavuye mu bihugu 32 bashitse neza kandi kibikorwa biriko bigenda neza. Iryo higanwa ryataguye kuwa 23 Ntwarante gushika kuwa 6 Ndamukiza 2025.

Related posts

Angeline Ndayishimiye yaserutse ku mpunzi z’Abanyekongo n’abarundi batewe n’imyuzure.

Yvan Manager

Ninde azotwara igikombe ca Lumitel Women’s League ?

Yvan Manager

Real Madrid na Arsenal biraherera he?

Yvan Manager

Leave a Comment