Sada Nahimana yatahukanye igikombe ca mbere mw’ ihiganwa mpuzamakungu ITW50 iriko ibera i Bujumbura ahejeje kwirahira mu gutsinda umufaransakazi Émeline Dartron amaseti abiri ku busa (6-1, 6-1) mu kibuga Entente Sportive kuwa 30 Ntwarante. Mururwo rukino rwa nyuma rwatewe iteka n’abashikiranganji 3 harimwo Gervais Abayeho w’inkino, Albert w’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe na Chantal Nijimbere w’ubudandaji. Gervais Abayeho amenyesha ko ataco butazokora kugira bubandanye bwitwararika cane ibijanye n’ugushigikira inkono mu Burundi.
Gervais Abayeho umushikiranganji w’inkino, yakeje abitwaye neza kurusha abandi mu nkino zimaze indwi yose abasaba ko bobandanya batsimbataza ingabire zabo. Ku ruhande rw’ubushikiranganji arongoye, amenyesha ko ataco butazokora kugira bubandanye bwitwararika cane ibijanye n’ugushigikira inkono mu Burundi.

Sada Nahimana yashimiye cane umurwi ujejwe gutegura iryo higanwa ku kamaro kuri we, abatora imipira, abahagarikizi, n‘ibindi. Ntiyibagiye abamushigikiye benshi baje kumuremesha n‘ubwo yatsinzwe mu nkino zibiri ziheruka

Umurundikazi Sada Nahimana ari mukibanza ca 336 mu rutonde uko barushanwa kurwego rw’isi,. Iryo higanwa rigira 3 ribereye mu gihugu iwacu. Nkuko vyemezwa n’uwutwara iryo shirahamwe rya Tennis kurwego rw’igihugu aremeza yuko abakinyi 62 bavuye mu bihugu 32 bashitse neza kandi kibikorwa biriko bigenda neza. Iryo higanwa ryataguye kuwa 23 Ntwarante gushika kuwa 6 Ndamukiza 2025.