MuburundiPolitike

“Gushima uko imigenderanire hagati y’Uburundi na RDC yifashe” Ubutumwa bazaniye Evariste Ndayishimiye.

Evariste Ndayishimiye Umukuru w’igihugu c’Uburundi, yakiriye Umushikiranganji wa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo (RDC) muvyo ajejwe harimwo imigenderanire n’ibindi bihugu, umupfasoni Thérèse Kayikwamba Wagner hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ntwarante. 
Uwo mushikiranganji avugako yari azaniye Umukuru w’igihugu c’Uburundi nkuko ayo makuru tuyakesha Imboneshakure y’igihugu, ubutumwa yarungikanywe n’Umukuru w’igihugu ca Kongo, Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo. Ubwo butumwa ngo bukaba ari ubwo gushima uko imigenderanire hagati y’Uburundi na RDC yifashe, hamwe no gukenguruka ingene Abarundi na Reta y’Uburundi bakiriye neza impunzi z’abanyekongo zahunze indwano ziri mu buseruko bw’ico gihugu.
May be an image of 1 person
Rosine Guilène Gatoni, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyeshako Sebarundi nawe nyene ashima ingene imigenderanire hagati y’Uburundi na RDC yifashe. Ngo yateye intege abenegihugu ba RDC hamwe na Leta y’ico gihugu, anavuga ko yizeye ko intambara iri muri ico gihugu izorangira, na cane cane ko amakungu yahagurutse kugira ihere.
Muri uwo mubonano, Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’Umushikiranganji wa RDC muvyo ajejwe harimwo imigenderanire n’ibindi bihugu ngo baganiriye kandi ukuntu hokomezwa ugufashanya mu bisata bitandukanye, mu ntumbero y’inyungu rusangi z’abenegihugu b’ivyo bihugu vyompi.

Related posts

Namibie: Netumbo Nandi yarahiye kuba Umukuru w’igihugu wa mbere w’umugore.

Yvan Manager

“Abakinyi bose bameze neza, hasigaye akazi k’umumenyereza” Patrick avugira Intamba mu rugamba.

Yvan Manager

Urukino rwahuza URUNANI na Dynamo ntirwaheze kubera imvura.

Yvan Manager

Leave a Comment