ImibanoMuburundi

Abategetsi 3 barahiye imbere y’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi

Abo bategetsi 3 barahiye imbere y’Umukuru w’igihugu kuruyu wa mbere igenekerezo rya 24 Ntwarante 2025 mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe i Bujumbura imbere yabagize Inama nshingamateka na Nkenguzamateka.Abo barahiye baciye binjira mu mabanga harimwo Léopold Kabura umukuru mushasha wa Sentare ijejwe kwubahiriza amatungo ya Reta.
Léopold Kabura umukuru mushasha wa Sentare ijejwe kwubahiriza amatungo ya Reta.
Musenyeri Aimée Joseph Kimararungu yabaye Icegera c’umukuru w’umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR, Léopold Kabura umukuru mushasha wa Sentare ijejwe kwubahiriza amatungo ya Reta na Vianney Ndikumana, umukomiseri mushasha ari mu batowe mu mugwi CVR yakoreye mu gata Aloys Batungwanayo.
Image
Abitavye ivyo birori vyo kurahira mu Nama Nshingamateka (Photo Ntare House).
Muri ivyo birori hari n’abandi bategetsi batandukanye uhereye ku cegera c’umukuru w’igihugu, Umuhuza w’Abarundi, umushikiranganji wa mbere, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa, umukuru wa Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, abahoze barongoye Uburundi, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Related posts

SOSUMO izotanga amatoni 686 y’isukari mu gisagara ca Bujumbura muri Ntwarante 2025.

Buja Media

PlayOffs2025: Urunani 2-2 Dynamo, urukino rwa 5 hazotsinda nde?

Buja Media

Ndabakenga Daniel yatanguje igikino “Ninde” bamusezeye ubwa nyuma.

Buja Media

Leave a Comment