InkinoMuburundi

Academia Deir: Abakinyi 8 bahagaritswe imyaka 5 n’ihadabu yi 10.000.000 ku mukinyi bahorwa gutigira.

Urukino rwo gutigira rurakweze akarambaraye ku murwi wa Academia Deir wo mu gisagara ca Bujumbura, ishirahamwe rya FFB rihejeje kubafatira ibihano bikomeye guhagarikwa imyaka 5 kubakinyi bafashwe ku caha kitababarirwa mu mupira w’amaguru no gucibwa ihadabu ry’imilioni 10 kuri buri mukinyi wese. Ishirahamwe rya FFB ribahagaritse ryisunze ingingo ya 35 y’amategeko yaraye ishinzwe n’igisata kijejwe akarangamutima n’inyifato mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru.

Image

 Nkuko twabitohoje neza twabonye amazina yabahagaritswe naya akurikira :

1.Mwamba Mwanza Gloire

2.Nzoyisaba Epimaque

3.Ntahoturi Hussein

4.Jumapili Jafari ( Umuyobozi w’Ubuhinga)

5.Shabani Ramadhani

6.Masumbuko Jules

7.Hakizimana Khevin

8.Moussa Mossi

Nkuko tubisoma mw’ikete ishirahamwe FFB yashize ahabona ivuga yuko mu gihe batazoba barunguruza hagati kuwa 10 na 15 Ntwarante 2025 bataratanga ihadabu babasavye kuwa 10 Rusama 2025, urubanza rwabo ruzoba ruhejeje kwicira bisigura yuko bazoca bahagarikwa burundu.

Ivyo gutigira kuruyo murwi sirya mbere babihaniwe kubera murabo bakinyi nyene baheruka kuja mw’ibohero rikuru rya Mpimba bivuye kurico caha nyene co gutigira.

ImageImage

Ivyo bibaye mu gihe uwo murwi wari mu kibanza 14 ku manota 13 mu nkino 23, bishuzwa ibitsindo 30.

Related posts

Abanonotsi batwara amakinga bariko bazuguruka ibihugu biri muri kano karere ka EAC.

Yvan Manager

Patrick Kanianga asaba ikigongwe, inyuma yo kwirukanwa mu mw’ iherero w’Intamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Imirwi 4 yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri.

Buja Media

Leave a Comment