Mumahanga

Gabon: Abazokwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu bamenyekanye.

Amazina 4 yagiye ahabona kubazokwitoza mu kibanza c’ Umukuru w’ Igihugu muri Gabon nkuko bishikirizwa n’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura no gucungera amatora n’ ibwirizwa nshingiro (CNOCER). Murayo mazina harimwo izina rya Brice Clotaire Oligui Nguema, w’imyaka  50 asanzwe ariwe atwara igihugu kuva muri 2023, ayandi mazina yamenyekanye ni Billie-By-Nze Alain Claude ari muri PDG, Essingone Joseph Lapensée afise imyaka 53, Iloko Boussengui Stéphane Germain. Amatora azoba kuwa 12 Ndamukiza 2025.

Umurwi utegura amatora CNOCER uremeza yuko wakiriye amadosiye 23 ariko baheza basanga 4 gusa nibo bakwije ibisabwa bisunze itegeko ryo kuwa 19 Kigarama 2024 rikurikirana ibijanye n’ibwirizwa nshingiro hamwe n’amategeko mfatakibanza yico gihugu.

Abakandida batsinze ubu bazoba bafite amahirwe yo gutangura ibikorwa vyo kwiyamamaza mu matora, bizotangura kuwa 29 Ntwarante 2025 azoba ari n’akaryo keza ko gutangaza  imbere y’ abanyagihugu  imigambi n’imigabo bazobakorera. Bagomba kumenya ko hakurikijwe ingingo ya 179 y’itegeko rigenga amatora, abakandida bafise kandidatire zabo babujijwe, bafise igihe c’amasaha 72 co gutwara ibirengo imbere y’ubutungane.

Mwomenya yuko urwego rw’ igihugu rujejwe gukingira amakuru bwite y’ibanga (APDPVP) rwabahaye ubutumire kuwa 13 na 14 Ntwarante uyu mwaka bazogenda bagiranire ibiganiro n’ umukandida agomba gukwiza no gushira umukono kw’ itangazo ryo kubahiriza, ryemeza ko yiyemeje kubahiriza itegeko inimero 025/2023, ryemejwe ku wa 12 Nyakanga 2023, rijanye no kurinda amakuru yiwe.

Related posts

Mark Carney umushikiranganji wa mbere mushasha wa Canada yatowe ku majwi 85,9.

Yvan Manager

Haciye imyaka 65, bamenye yuko babagujije bakiri inzoya mu bitaro.

Yvan Manager

Joe Biden yasavye ibindi bihugu bacuditse kubandanya bafasha Ukraine.

Yvan Manager

Leave a Comment