Patrick Kanianga aremera ikosa yakoze ryo gucerwa mu myimenyerezo no kutitwara neza hanze y ‘ikibuga niyo yabaye intandaro yo gusezererwa mu mwiherero wo gutegura umurwi nserukira gihugu. Patrick kubwiwe asaba ikigongwe bose bafise ico bafasha uwo murwi nserukira gihugu akamenyesha yuko vyavuye ku kibazo afise mu muryango ngo kuko kuba mu murwi nserukiragihugu bizomwugururira amahirwe menshi muri kazoza.
Kubera ukutigenza neza no kwerekana inyifato itameze neza nivyo vyatumye Etienne Ndayiragije umumenyereza mukuru w‘intamba mu rugamba yirukana Banza Patrick Kanianga vyabaye ku musi wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante 2023.
Umukinyi w’umusatirizi w’umurwi wa Bumamuru Fc Patrick Banza Kanianga ntakiri mu mw’ iherero w’ umurwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba n’abakinyi bariko bitegurira inkino zo gukurakuranamwo z’ abakinyi bakina mu bihugu vyabo CHAN. Mu myimenyerezo yo kuri uyu wa kane hakaba habonetse abandi bakinyi Hussein Shaban Tshabalala na Justin Ndikumana, bari mu batumweko mu mugwi nserukiragihugu bazofata urugendo bagana muri Indonésie gukina inkino zibiri za kivandimwe n’ico gihugu. Ku rutonde rwa Fifa, Uburundi buri mu kibanza ca 141, Indonésie iri mu kibanza ca 151.
Amwe mu makuru yo mw’ibanga tumaze kumenya avuga ko Patrick Kanianga yemera amakosa bamwagiriza yo gucerwa , kubwiwe avuga ko afise ikibazo gikomeye c‘umuryango, yasaba imbabazi indongozi zose zikurikiranira hagufi uwo murwi nserukiragihugu , Patrick aheraheza avuga ko ugucerwa mu myimenyerezo atari ivyiwe. Etienne Ndayiragije yavuze yuko atazokwihanganira umukinyi azokwitwara nabi igihe cose azoba ahagarariye uwo murwi nserukira gihugu.
Subwa mbere habonetse umukinyi yirukanwe mu murwi nserukira gihugu, mwomenyako mu 2009, Ndikumana yamini Selemani yirukanwe kumvo zuko yagararije amategeko y‘umumenyereza Olivier Mutombora hasigaye gusa imisi 2 kugira CAN itangure yabereye mu gihugu ca Misiri.