InderoMuburundi

“Intango nshasha y’urugendo mw’iterambere”, ubutumwa buri mu gitabo gishasha cahawe Umukuru w’Igihugu.

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi,  Évariste Ndayishimiye, ari kumwe n’Umupfasoni wiwe be n’abategetsi batandukanye mu gihugu, bitavye kuri uyu wa gatatu, ku Club du Lac Tanganyika, ibirori wo gushikiriza ku mugaragaro igitabo cerekana imyaka 60 iheze, imitego igihugu caciyemwo n’urugendo rushasha igihugu kiriko kirafata hafatiwe ku ntwaro y’umukuru w’igihugu c’Uburundi , canditswe na Muganga Benjamin Ndagijimana.

Ico gitabu canditswe n’abantu 5 batandukanye bafatanije na Professeur Désiré Manirakiza, Gabriel Rufyiri, Janvière Ndirahisha, Alain Ndikumana na Pacifique Manirakiza. Mu gusigurira abari bitavye ivyo birori vyo gushira ahabona ico gitabu, Muganga Ndagijimana yamenyesheje ko kitavuga ku muntu umwe, ariko gisuzuma ikiringo cihariye c’uburongozi bw’igihugu.Nk’uko umwanditsi abivuga, intumbero y’ico gitabu ni gusigura kahise, gutunganya ibihe vya none no gutegura kazoza. Izina Ndayishimiye riri mu mutwe w’ico gitabu kubera ko ibihe bimwe na bimwe vy’ingenzi vy’ihinduka ry’igihugu bijanye n’uburongozi buhindura ibintu kandi bwihuta kwiyunguruza, burangwa n’Umukuru w’Igihugu ari ku butegetsi.

Mu biganiro vyimbitse kandi vyubaka vyabaye ku vyerekeye ico gitabu, uwigeze kuba Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Sylvestre Ntibantunganya, yarashimye cane uburongozi bw’Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye. Ashingiye ku bumenyi n’ibikorwa bikomeye yigeze kurangura, yavuze ko Umukuru w’Igihugu aserukira iyerekwa rifise ico rishingiyeko kandi rijanye n’iterambere ry’igihugu.

Varisito Ndayishimiye Umukuru w'Igihugu c'Uburundi.

Mu gufata ijambo, Évariste Ndayishimiye yibukije ko Uburundi bwaciye mu mitego myinshi kuva mu 1903, ariko ashimangira ko hageze igihe co kuyirenga burundu.
«Ndashishikariza Abarundi bose muri rusangi, cane cane abategetsi, guhindura inyifato n’ivyiyumviro kugira Uburundi buhindurwe mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu », ni ko yamenyesheje Umukuru w’Igihugu.

Yarateye akamo abakuru n’abanyabwenge b’Uburundi ko bokwirinda amatati yo mu nzego z’igihugu, bakifatanya mu gutsimbataza Iyerekwa ry’igihugu, biciye mu gukunda igihugu no mu guhindura cane uburyo bw’indero. Intererano z’abitavye ivyo birori bigaragaza ko, bakurikije ivyo ico gitabu kigaragaza, kazoza k’Uburundi katanguye kubakwa kuva uno musi, igihugu kikaba gifise amatungo n’ubushobozi bwinshi bwo gushigikira iterambere ryaco.

Related posts

URUNANI BBC watsinze amanota 235 kurusha iyindi mirwi mur’iyindwi.

Yvan Manager

Urucanco rwa Malariya rwamaze gushika mu Burundi.

Yvan Manager

Professeur Émile Mworoha yitavye Imana ku myaka 85.

Yvan Manager

Leave a Comment