InkinoMuburundi

Primus Ligue Burundi: Phase retour yataguye uyu munsi.

Igice ca kabiri c’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi (phase retour) ryataguye uyu munsi kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 09 Nzero 2026 ku ndwi yayo igira 16. Imirwi nka yose mike yarashoboye kwongereza abakinyi bashasha kugira babandanye bitegurira neza ico gice. Mu rukino rwa mbere rwabaye BG Green FC yatsinze Burundi Sport Dynamik 2 kuri 1.  Aigle Noir CS iri mu kibanza ca mbere n’amanota 39 ntiratsindwa ikarusha Bumamuru FC inota rimwe gusa. BG Green iri mu kibanza ca nyuma n’amanota 6 gusa.

Kuriyi ndwi ya 16 hari inkino 2 zirindiriwe n’abatari bake, imirwi 4 isagiye igisagara kandi ikebana bazokina kuruyu w’Imana . Benshi bazita kari Derby. Ngozi City izokina na Le Messager Ngozi, iyo mirwi yose isagiye ikibuga , mu ntara ya Gitega Musongati fc izokina na Flambeau du Centre. N’inkino bigoye kumenya uwuzotsinda kubera bakina bashaka kwerekana ubugabo barushanya imbere y’abakuzi babo bazinanye kandi babana hagufi. Urundi rukino atari Derby nkuko babivuga Aigle Noir CS yo mu ntara ya Burunga izokwakira ku kibuga iwabo Umurwi wa Vital’O.

Peut être une image de texte qui dit ’NEXT MATCH NPPC PRIMUS SURUNU Litah NKURUNZIZA PEACE PARK COMPLEX STADIUM KIRIKOU Akii AIGLE NOIR c.S vs VITAL'O NGTALOKE Dimanche, le 11 Janvier 2026 HEURE: A 12H00’
Kirikou azoteramisha abarorerezi ku kibuga NPPC azoba rigize 2.

Aigle Noir yemeye kuzana umuririmvyi Kirikou Akili kuzoteramisha abarorerezi murico kibanza , kuruhande rwa Inter Star izokina na Vision FC yatumiye Dram T na Lolilo batazira Simba kuryosha urukino imbere hagati n’inyuma kuruyu wa gatanu mwijoro isaha cumi na zibiri n’igice.biragoye kuvuga uwuzotsinda ariko reka tube turabangiriye kubera iki gice ca kabiri kiba kirimwo ibintu ubuhinga butandukanye buva kubamenyereza canke kubakinyi bashasha.

Uko izo nkino zizohura kuriyindwi ya 16:

1/ Vendredi 09 janvier 2026
🕐 13h00 | 📍 Stade Urunani
Burundi Sport Dynamik 🆚 BG Green Farmers
2/ Samedi 10 janvier 2026
🕒 15h45 | 📍 Stade Urunani
3/ Inter Stars 🆚 Vision 2026 FC
🕒 15h00 | 📍 Stade Ingoma
4/ Garage Express FC 🆚 Kayanza United
📅 Dimanche 11 janvier 2026
15h00 | 📍 Stade Urukundo
5/ Ngozi City FC 🆚 Messager Ngozi
🕒 15h00 | 📍 Stade Urunani
6/ Bumamuru FC 🆚 Olympic Star
🕒 15h00 | 📍 Stade NPPC
7/ Aigle Noir CS 🆚 Vital’O FC
🕒 15h00 | 📍 Stade Ingoma
Flambeau du Centre 🆚 Musongati FC
8/ 🕒 15h00 | 📍 Stade Intwari.

Muzinga FC 🆚 Rukinzo FCIvyo biruko mu gihe bafatiye ingingo ko kwakirira kuri kibuga Intwari bariha imiriyoni 5, imirwi ifise uburyo basigaye bazana abaririmvyi kugira bakwege abarorerezi ngo bikunde bashobore kugaruza ubwo buryo batanze.

Related posts

HANDABALL U19: Uburundi buri mw’itsinda H mu gikombe c’isi yose.

Buja Media

Cecafa Champions League: Buja Queen’s mu 1/2 finale.

Yvan Manager

Professeur Émile Mworoha yitavye Imana ku myaka 85.

Yvan Manager

Leave a Comment