MuburundiPolitike

Uburundi bwatowe kuba muri Troïka ya CIRGL mu Nama Nkuru ya 9 yabereye i Kinshasa.

Kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2025, Umukuru w’Igihugu Nyakubahwa Evariste Ndayishimiye yitavye i Kinshasa Inama Nkuru ya 9 y’Abakuru b’Ibihugu n’abo mu Rwego rwa Reta bagize CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs). Uburundi bwatowe kuba Icegera c’Umukuru wa CIRGL.

Mu kurangiza ibikorwa vy’iyo nama, Uburundi bwatowe kuba Icegera c’Umukuru wa CIRGL, bityo bwinjira muri “Troïka” urwego rugizwe n’umukuru, icegera ciwe n’uwari asanzwe arongoye inzira ihamye y’ukwitegurira kurongora iryo shirahamwe mu gihe kiri imbere.Inama yaratanguye n’ihinduriranwa ry’ubuyobozi hagati ya Nyakubahwa João Manuel Gonçalves Lourenço Umukuru w’igihugu ca Angola yari asanzwe arongoye CIRGL, na Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo, Umukuru wa RDC, yaciye aramutse ayifashe mu minwe. Inama yabandanirije mu nyuma mu mwiherero aho hafashwe ingingo zikomeye, harimwo n’itora ry’Uburundi.

 

Abakuru b’Ibihugu baragarutse ku guhagarika intambara mu karere aho basavye ko amahoro yogaruka vuba mu RDC, Repubulika ya Centrafrique, Sudani hamwe n’ibindi bihugu bigize akarere. Bamenyesheje ko amahoro n’iterambere bidatandukana, bongera basaba gukomeza ubufatanye, guhangana n’imitwe yitwaje ibirwanisho, kwihutisha ishirahamwe ry’ubutunzi hamwe n’ubumwe mu bihugu vy’abanywanyi.

Iyo nama kandi yaratoreye hamwe Dr Mubita Luwabelwa wo muri Zambiya ngo abe Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa CIRGL, asubiriye Ambasaderi João Samuel w’Angola.Ibirori vyasozerewe no gusohora itangazo rya nyuma ry’iyo nama nkuru.

Related posts

PlayOffs2025: Les Hippos ihejeje gutakaza urukino rwa mbere itsinzwe na Dynamo.

Yvan Manager

CECAAF2026: Uburundi na Kenya barusha ibindi bihugu amanota.

Yvan Manager

Abatari bake bakeje Angeline Ndayishimiye agiye gutwara Ishirahamwe MIPREDA.

Yvan Manager

Leave a Comment